IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > ’’Amatora y’umukuru wa EALA yaciye kubiri n’amategeko’’

’’Amatora y’umukuru wa EALA yaciye kubiri n’amategeko’’

samedi 30 décembre 2017

Mu kiganiro yaremesheje kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 29 Kigarama 2017, umukuru w’igihugu yavuze ko amatora y’umukuru w’inama nshingamateka y’akarere ka Afrika y’Ubuseruko EALA yakozwe mu kajagari, kandi aciye kubiri n’amategeko agenga EAC.

Umukuru w’igihugu yavuze ko abarundi barenganijwe, kandi ko badashobora kwemera uwatowe kiretse hari izindi nsiguro zitanzwe ko amategeko agenga ishirahamwe ry’akarere ka Afrika y’Ubuseruko yoba yarahindutse.

Petero NKURUNZIZA aramutswa Uburundi yasiguye ko, mu gutora umukuru w’inama nshingamateka y’Ishirahamwe rya Afrika y’Ubuseruko, hari kwubahirizwa ingene ibihugu bikurikirana kurongora iyo nama nshingamateka.

Ayo matora yabaye kuwa kabiri igenekerezo rya 19 Kigarama 2017, uwatahukanye ikibanza c’umukuru w’inama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko EALA akaba ari umushingamateka Martin Ngoga ava mu gihugu c’Urwanda.

Abashingamateka baserukira Uburundi, inyuma y’ukurahira, bakaba baranse kuja muri ayo matora, kuko bavuga ko amategeko y’ugukurakuranwa muri ubwo burongozi atubahirizwa, ayo nayo akaba avuga ko ibihugu bikurakuranwa muri ubwo burongozi hisunzwe indome z’amazina y’ibihugu. Abaserukira Uburundi bavuga ko hari agahaze, kuko igihugu kiramukiwe muri ubwo burongozi arico conyene cari gikwiye gutanga uwitoza, aho akaba ari mu gihe abahiganirwa ico kibanza bari abatanzwe n’ibihugu bitatu, arivyo Uburundi, Urwanda na Tanzaniya.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.