Accueil > Amakuru > u Burundi > Amazi yo mu macupa y’ishirahamwe "AQUAVIE" yabonetsemwo udutotsi
Amazi yo mu macupa y’ishirahamwe "AQUAVIE" yabonetsemwo udutotsi
mercredi 7 Ntwarante 2018, par
Abatanguye kubona ayo mazi agera ku macupa ibihumbi bine (4000 bouteilles) y’shirahamwe LIQUIDS (AQUAVIE) bavuga ko aboneka nk’ayarimwo ubucafu bwigaragaza, ariko mw’ishirahamwe ryahinguye ayo mazi bagahumuriza ko ata bucafu buri mu mazi bahinguye.
"Utwo dutotsi turi muri ayo mazi tudatera ingorane n’imwe ku magara y’abantu twavuye ku vyunyunyu birenze biri muri ayo mazi. Ivyo vyunyunyu vy’ikirenga bikaba vyarashoboye guca mu tuyungiro dukoresha kugira tuyungurure ibidakenewe mu bigize ayo mazi.", ivyo ni ibishikirizwa na Aloys NDAYISHIMIYE, umuyobozi ajejwe ubudandaji mw’ishirahamwe LIQUIDS (AQUAVIE).
- Aloys NDAYISHIMIYE (i bubamfu), Umuyobozi ajejwe ubudandaji mw’ishirahamwe LIQUIDS (AQUAVIE)
Muri iryo shirahamwe bavuga ko ayo mazi yasohotse asa neza, ariko agenda arahinduka buhoro buhoro bivanye n’uburyo abitswemwo (ubushuhe, umuco n’ibindi.). Mw’ishirahamwe LIQUIDS baremesha abakunzi b’ibinyobwa vya "Aquavie" ko ingingo zafashwe kugira ico kibazo ntikizosubire kwibonekeza muri kazoza.
Aloys NDAYISHIMIYE aravuga igikorwa cihutirwa cakozwe kuri ico kibazo : "Igikorwa cihutirwa cakozwe cabaye ni ico gukura kw’isoko amacupa yose yigaragazamwo ico kirenga c’ivyunyunyu. Ariko kandi n’ayandi yose ari mu rukurikirane rw’amacupa arimwo utwo tunenge."
Ishirahamwe LIQUIDS (AQUAVIE) risaba uwuzobona icupa ririmwo utwo dutosi ko yorijana ahari abadandaji b’amazi ya "Aquavie" bamwegereye kugira barimuhindurire.

Egide NDUWIMANA