Ambassadeur Remy BARAMPAMA agiye guserukira Uburundi muri Kenya

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 15 Ruheshi 2017 saa 09:52
Yasomwe : 9774
0 0

Ambassadeur Rémy BARAMPAMA yashikirije umukuru w’igihugu ca Kenya UHURU Kenyatta,amakete amugena guserukira Uburundi muri ico gihugu.

Ambassadeur Rémy BARAMPAMA yaheruka gugenwa n’itegeko ry’umukuru w’igihugu nomero 100/116 ryo kw’igenekerezo rya 3 Ruheshi 2017,ryo kuba umuserukizi adasanzwe w’Uburundi "Ambassadeur Extraordinaire et Plénipotentiaire.

Ambassadeur Remy BARAMPAMA yahoze ari Musitanteri wa komine Ntahangwa,yahora kandi ari umukenguzamateka yatowe mu ntara ya Bujumbura(Mairie).

Ambassadeur Remy BARAMPAMA asubiriye mu mabanga yo guserukira Uburundi mu gihugu ca Kenya, umukenyezi Ambassadeur Ntahonkuriye Aimelance.


Kumenyekanisha

1
Aboubakal 16-06-2017 à 06:24

turamukeje.

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha