Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB u Burundi
Amezi abiri araheze umumenyeshamakuru Jean BIGIRIMANA anyurujwe
Yanditswe taliki ya 22-09-2016 - isaha 15:06' na IGIHE

Amezi abiri yarumanye kuri uwu wa kane, ku munsi ku munsi, atawuzi irengero ry’umumenyeshamakuru Jean BIGIRIMANA w’ikinyamakuru IWACU. Inzego z’umutekano z’Uburundi zamenyesheje ko atarizo zafashe uwo mumenyeshamakuru.

Jean BIGIRIMANA, umumenyeshamakuru yahora akorera insamirizi REMA FM, akaba yari asigaye akorera ikinyamakuru IWACU, yahagaritswe ku muhingamo wo kw’igenekerezo rya 22 Mukakaro 2016.

Uwo mumenyeshamakuru yavuye muhira nk’igihe c’isaha umunani agiye i Bugarama mu ntara ya Muramvya, mu nyuma nk’igihe c’isaha cumi na zibiri z’umugoroba, umuryango wiwe ukaba wahamagawe kuri terefone n’umuntu utamenye, uwo muntu abwira Godeberte Hakizimana, umupfasoni wa Jean BIGIRIMANA, ko yatawe muri yompi, ariko ntibamenya ikibanza apfungiwemwo, hamwe n’ico yafatiwe.

JPEG - 128 ko
Umumenyeshamakuru Jean BIGIRIMANA

Mu gihe agifatwa vyavugwa ko yoba yafashwe n’abakozi b’igendereza, mbere bikavugwa ko apfungiwe mw’igendereza mu ntara ya Muramvya, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi yarabihakanye. OP1 Pierre NKURIKIYE yamenyesheje ko uwo mumenyeshamakuru atahagaritswe n’inzego zijejwe umutekano. Uwo avugira igiporisi c’Uburundi yasavye ahubwo umuryango wiwe ko wokorana n’igiporisi mu matohoza.

N’umurwi w’igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu wavuze ko gushika ubu utarashobora gutora irengero ry’umumenyeshamakuru Jean BIGIRIMANA, muri uwo murwi bagasaba ko igiporisi corushirizaho kurondera irengero ry’uwo mumenyeshamakuru mu gukomeza amatohoza.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kw’igenekerezo rya 5 Myandagaro 2016, Jean Baptiste BARIBONEKEZA, umukuru w’umurwi CNIDH (Commission Nationale Indépendante des Droits de l’Homme) yamenyesheje ko yumvise amakuru yavuga ko uwo mumenyeshamakuru yoba apfungiwe mu gasho k’igendereza mu ntara ya Muramvya, ariko muri uwo murwi bakavuga ko ata gasho k’igendereza kazwi kari i Muramvya.

Uwo murwi wemeza ko wagiye mu ntara ya Muramvya, bashika ku nzu y’uwujejwe igendereza batamuteguje, baheza bamusaba kwinjira muri iyo nyubakwa.

"Twararavye iyo nzu, icumba ku kindi, hamwe no hanze mu kigo, ariko nta kimenyetso na kimwe cokwerekana ko Jean BIGIRIMANA canke uwundi muntu yoba apfungiwe muri ico kibanza twabonye."

Jean Baptiste BARIBONEKEZA avuga ko bararondereye no mu bindi bibanza harimwo no mu busho bw’igiporisi, ariko aho bigeze, uwo murwi ukavuga ko utarashobora gutora irengero ry’uwo mumenyeshamakuru canke amakuru atomoye y’ubuzima bwiwe.

Muri CNIDH basaba igiporisi ko mu matohoza kiriko kirakora, coshira inguvu zikomeye kuri zone ya Bugarama, aho biboneka ko Jean BIGIRIMANA yazimanganiye.

Amezi abiri yose akaba aheze mu muryango wa Jean BIGIRIMANA hamwe no mu kimenyeshamakuru IWACU batazi irengero ry’uwo mumenyeshamakuru, ata n’uwuzi namba yoba akiri muzima canke yaragandaguwe. Ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru batagira imbibe risaba ko amatohoza yokorwa, umuryango wa Jean BIGIRIMANA ukamenyeshwa aho ari.

Ivyiyumviro vyanyu

huuu ! uwomuntu asubiye mwibarabara ntazikahise komuri ndamukiza narekeguhendabantu ngarikwarakora manifesta murekeyicir’ubufubwa bana.

23.09.2016 à 08:46
NIYUBAHWE

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.