IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amezi indwi araheze umumenyeshamakuru Jean BIGIRIMANA aburiwe (...)

Amezi indwi araheze umumenyeshamakuru Jean BIGIRIMANA aburiwe irengero

mercredi 22 Ruhuhuma 2017, par Egide NDUWIMANA

Amezi indwi yose yakwiye kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 22 Nzero 2017 atawuzi irengero ry’umumenyeshamakuru Jean BIGIRIMANA w’ikinyamakuru IWACU. Mu muryango wiwe babandanya gusaba ko ukuri kwoja ahabona kuri uwo mumenyeshamakuru atawuzi iyo ari.

Jean BIGIRIMANA, umumenyeshamakuru yahora akorera insamirizi REMA FM, akaba yari asigaye akorera ikinyamakuru IWACU, yahagaritswe kw’igenekerezo rya 22 Mukakaro 2016.

Uwo mumenyeshamakuru yavuye muhira agiye i Bugarama mu ntara ya Muramvya, mu nyuma umuryango wiwe ukaba wahamagawe kuri terefone n’umuntu utamenye, uwo muntu abwira Godeberte Hakizimana, umupfasoni wa Jean BIGIRIMANA, ko yatawe muri yompi, ariko ntibamenya ikibanza apfungiwemwo, hamwe n’ico yafatiwe.

JPEG - 128 ko
Umumenyeshamakuru Jean BIGIRIMANA

Mu gihe agifatwa vyavugwa ko yoba yafashwe n’abakozi b’igendereza, mbere bikavugwa ko apfungiwe mw’igendereza mu ntara ya Muramvya, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi yarabihakanye. OP1 Pierre NKURIKIYE yamenyesheje ko uwo mumenyeshamakuru atahagaritswe n’inzego zijejwe umutekano. Uwo avugira igiporisi c’Uburundi yasavye ahubwo umuryango wiwe ko wokorana n’igiporisi mu matohoza.


IGIHE

Messages

  • Aharero hariho ababonye abarundi turiko turironderera ivyotuma twiyubaka abonibamwe batwifuza inabi twebwe abarundi nuburundibwacu baciye babaha amahera ngomuvuge nimiburiburi ivyakahise, ariko muzokwisema, ndibuka imbere ya kudeta mwama mwaharuye ngo Manirumva ngohaheze igihekigana iki ngwapfuye none imyaka itatu igombihere mutasubiye kugogota mwandika mumuvuga.

  • Burya ico mwomenya gusa ntaneza yukumena amaraso umena amaraso ukikwegera umuvumo mumuryango wawebndetse nigihugu.

  • nibazo ko azoboneka.nukwihangana,imana iramubona mubigeragezo yaciyemwo umuryo wiwe niwihangane,ahubwo nkuko umuvugizi wigiporisi yabivuze nibakorane ninzego zumutekano,amatohoza akore murokoze nuko ndavyiyumvira,

  • Nje namubonye i Congo muri Uvira.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.