Annie Bernice Nikuze : Umukobwa mwiza kandi aciye ubwenge

Yanditswe na Huguette NKURUNZIZA
Kuya 10 août 2017 saa 05:23
Yasomwe : 19107
0 0

Annie Bernice Nikuze, umwigeme mwiza kandi aciye ubwenge aheruka gutorwa muri uwu mwaka w’2017, yavukiye i Gitega, akurira i Gitega, ndetse yiga i Gitega nyene kuva mu mashuri mato gushika aheze amashuri yisumbuye. Ni umwana wa nyuma mu muryango w’abana 4 akaba ata se agira.

Yize ishuri mw’ishure rimwe ariryo “Ecole International de Gitega”, ubu akaba yiga kuri kaminuza yitiriwe umuco i Bujumbura.

Miss Burundi 2017 yari umwana afyina kandi atinya ariko aravuga ko uko yagiye arakura, yagiye arahinduka.

Akiri mu mashuri yisumbuye, rimwe na rimwe yarakunda kuremesha ibiganiro kuri radiyo Humuriza FM. Arongera akavuga ko naho atiga ibijanye no gushikiriza ibiganiro, afise indoto yuko muri kazoza yo kuba uwushikiriza ibiganiro ku mboneshakure wo ku rwego rwo hejuru.

Umuririmbiramana wo muri “chorale Voix d’ange”, Annie Bernice akaba ari umwigeme akunda gusenga, agakunda gusoma n’ukuraba ibiganiro ku mboneshakure. Akaba yanka abantu biyorobeka.

JPEG - 77.6 ko
Annie Bernice Nikuze, umwigeme mwiza kandi aciye ubwenge aheruka gutorwa

Mu mugambi wiwe wo guteza imbere urwaruka rufise impano, Miss yipfuza gukorana n’urwaruka nka Shaquille Mugisha acapa na Audrey aririmba.

Miss Burundi 2017 akaba azokorana n’ubushikiranganji butandukanye hamwe n’itangazamakuru, mu migambi yiwe.


Kumenyekanisha

1
Bosco Nshima 11-08-2017 à 08:00

Eeeee naz turarindiriy tuzoba tubona !imvugo izijane n,ingro ntibiz biherere mumigambi.

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha