IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Antime BARANSHAKAJE ashingurwa i Gitega

Antime BARANSHAKAJE ashingurwa i Gitega

lundi 17 Ndamukiza 2017, par Egide NDUWIMANA

Umutimbo Antime BARANSHAKAJE ashingurwa kuri uwu wa mbere, uwo mugirwa ukaza kubera mu ntara ya Gitega, mu Gishora.

Ikiziga c’uwo mutama w’inararibonye mu bavuza ingoma mu Burundi cakuwe mu buruhukiro bw’ibitaro vyitiriwe umwami Khaled, kiduganwa mu ntara ya Gitega, aho aza gushingurwa.

BARANSAKAJE Antime w’imyaka 91 yitavye Imana kw’igenekerezo rya 9 Ndamukiza 2017, mu bitaro vyitiriwe umwami Khaled. Ava mu muryango wakingiye umwami Mwezi Gisabo igihe yagira agandagurwe n’abansi. Ni nawe yabitse gushika n’uyu munsi ingoma zibiri zakanywe mu nshato z’inka umwami Mwezi Gisabo yari yagabiye umuryango wiwe.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.