Arusha : Reta y’Uburundi ntiyitavye ibiganiro vyatumweko n’umuhuza MKAPA

Yanditswe na IGIHE
Kuya 15 Ruhuhuma 2017 saa 09:44
Yasomwe : 52317
0 0

Reta y’Uburundi iremera ko yaronse ubutumire bw’ibiganiro bizotangura kuri uwu wa kane igenekerezo rya 16 Ruhuhuma 2017 i Arusha, ariko muri Reta bakavuga ko batazokwitaba ivyo biganiro kubera vyatumiwemwo abadashobora kwicarana na Reta y’Uburundi.
Mw’itangazo Reta y’Uburundi yasohoye kuri uwu wa gatatu, yamenyesheje ko yiyamirije ingendo yoza guhungabanya ivyo Abarundi bamaze gushikako mu biganiro bihuza Abarundi biriko bibera mu Burundi. Reta y’Uburundi yamenyesheje kandi urutonde rw’abatumiwe (...)

Reta y’Uburundi iremera ko yaronse ubutumire bw’ibiganiro bizotangura kuri uwu wa kane igenekerezo rya 16 Ruhuhuma 2017 i Arusha, ariko muri Reta bakavuga ko batazokwitaba ivyo biganiro kubera vyatumiwemwo abadashobora kwicarana na Reta y’Uburundi.

Mw’itangazo Reta y’Uburundi yasohoye kuri uwu wa gatatu, yamenyesheje ko yiyamirije ingendo yoza guhungabanya ivyo Abarundi bamaze gushikako mu biganiro bihuza Abarundi biriko bibera mu Burundi. Reta y’Uburundi yamenyesheje kandi urutonde rw’abatumiwe n’umuhuza MKAPA rutubahiriza amategeko mpuzamakungu, nk’uko vyashikirijwe na Claude KARERWA, icegera c’umuvugizi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi.

Mu gihe umuhuza mu biganiro vy’Abarundi, Benjamin William yatumiye bamwe mu bagirizwa ko bagerageje gutembagaza ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, ubutungane bw’Uburundi bubandanya gusaba ko bohagarikwa, bagashikirizwa ubutungane bw’Uburundi kugira bubakurikirane kuvyo bagirizwa.

Ibiganiro bihuza Abarundi bizotangura kuri uwu wa kane igenekerezo rya 16 Ruhuhuma 2017, i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya. Naho Reta y’Uburundi yamaze kumenyesha ko itazohonyozayo ikirenge, bamwe mu batumiwe bashitse kuri uwu wa gatatu, buca ivyo biganiro biba. Abo nabo ni : Domisiyano NDAYIZEYE yahoze ari umukuru w’igihugu, Agathon RWASA icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka, Sylvestre NTIBANTUNGANYA yahoze ari umukuru w’igihugu, hamwe n’abandi banyeporitike bavuye hanze y’Uburundi.

Mu runani CNARED bavuga ko barungitse umurwi ukomeye "Délégation de haut niveau" i Arusha, uwo murwi ukazoba ugiye gusubira kwibutsa ivyasabwe n’urwo runani ko umuhuza MKAPA yohindurwa, vyanse naho umuhuza ahabwe abandi bamufasha batanzwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU n’ubumwe bwa Afrika, kugira "MKAPA ashobore gukora yigenga", nk’uko muri CNARED babisaba. Abo baserukira CNARED bagashika i Arusha mu gatondo ko kuri uwu wa kane, umunsi w’ibiganiro.

Abandi banyeporitike batavuga rumwe n’ubutegetsi boba bararonse ubutumire ni : Charles NDITIJE, Hussein Radjabu, Godefroid NIYOMBARE, Frederike BAMVUGINYUMVIRA, Leonce NGENDAKUMANA, Agathon RWASA, Bernard BUSOKOZA, Leonidas HATUNGIMANA yahora avugira umukuru w’igihugu, Onesime NDUWIMANA yahora avugira umugambwe CNDD FDD, Yohani MINANI atwara CNARED, Alexis SINDUHIJE, Piyo NTAVYOHANYUMA hamwe na Gervais RUFYIKIRI.


Kumenyekanisha

1
GodefoidTuyisabe 20-02-2017 à 10:03

ntaconabivugako

2
Cobla Rouge 19-02-2017 à 12:18

Mbega Mwumba Kuki Ivyuvuga Vyose Witwaza Urwanda? Barakwiyama Ntiwumva Uzumvirayo. Noneho Warivugiye Kuri Umukukuruke Ntibitangaje. Narakubwiye Kugeze Muri Retour D’ages.

3
Ntahokaja Vianney 17-02-2017 à 17:40

Emwe Nuburundi Bwaragowe.None Hoja Kubonana Abumvikana.Ahubwo Hagenda Abatumvikana!Ahubwo Nibareke Kudukinirako Amanyanga Gusa.

4
ni dusabe yivs umurundi ari kampara uganda 17-02-2017 à 16:15

turagow abarundi twari tuzi ko tugiye gutora agahenge tuzi ko reta yitaba nn ikuyemwo akarenge rek turabe ibizoherera .

5
Boss 17-02-2017 à 15:08

Nkawe wiyita MWUMBA muriyi nkuru haraho banditse u RWANDA ? Ese kuki wigira umuvugizi harumunyarwanda wabigusabye ubwo se ushatse kwerekana ko ukunda u Rwanda kuturusha twe banyirarwo ?icyo twasaba abarundi mwese aho muri hose nuko mutajya muzana Cg muvuga u Rwanda mwite kubyanyu bibareba

6
Mwumba 17-02-2017 à 09:54

Mbe ko DD ko bibagiwe kuvuga ko u Bubiligi n’u Rwanda babifisemwo uruhara?

7
habanabakize [email protected] 17-02-2017 à 09:08

ndashimiye leta yuburundi kwititavye ibiganiro kubera hatumiwemwo abashatse gutembagaza ubutegetsi kandi ahubwo twosaba Tanzania koyobadufatira babazane muburundi bacirirwe urubanza

8
Baru Paul 16-02-2017 à 21:34

Ego Bagiye Mubiganiro None Reta Koyagiriza Abandiko Yabakoreye Ivyaha Hakaba Harabantu Ibihumbi Reta Yakoreye Ivyaha Tuzokwitwarahe ? Nabodufasaje Ko Bikwegerako Dufase Natwe Turenganugwe Turi Banyarucari

9
boniface 16-02-2017 à 16:11

NTAKGANIRA N’IBKOZI Z’IKIBI NIBAJE HARIYA. AHUBWO BAFATWE VYIHUTA BABAZANE BACIBWE IMANZA

10
Ngusha 16-02-2017 à 12:49

Bashaka babahuze Kubiki ahubwo bokwitaba muri ICS abashatse guhirika ubutetsi ,abo tuzosanga bitabagira bazohunguka ababigize mwuruhara ubutungane buzokora.

11
###### 16-02-2017 à 12:21

kuki Etas unis itaraganira na Alquaida?

12
Athanas 16-02-2017 à 10:33

Hhhhhh!mwibagira ningoga ariko!

13
Mob 16-02-2017 à 09:54

Radio BBC iravugako abayobozi bu Burundi bafise trauma....Hatari kabisa

14
JUMA 16-02-2017 à 09:31

Nibageragez pita aje ku murongo twihungukir kuk ntawotaha amusanga kur pouvoir yomwica.

15
kamaro 16-02-2017 à 09:23

turake reta yuburundi kuriyongingo yafashe yokutitaba ivyobiganiro vyakajagari kuko kobaragasuzuguro, kwisi yose abashatse gutembagaza intwaro yademokara bararonderwa bagashikirizwa ubutungane akarorero muri tirikiya nomuri burkina faso abagovye gutembagaza intwaro bose barabafashe ubu barimbere yubutungane hama muburundi ngo nyabuna nibaje mubiganiro! nakamaramazape, ikindi naco nkabataye akazi nkabo ba Piyo ntavyohanyuma ba Rufyikiri ba hatungimana ba Onesime nka Radjabu yatorotse agasho? nibindi birwarudubi mbonyengaho abobose bazakumariki mubiganiro? umuhuzanawe arahuzagurika kanatsinda UNI yaravuze abakwiye kwitaba ibiganiro abaribo ko arabataronderwa nubutungane rero reta irafisivo yokutavyitaba

16
Athanase 16-02-2017 à 09:04

Umuntu Yitegereje Urutonde Rw’abatumiwe,n’abagize Opposition Ahanini.

17
Mediatrce 16-02-2017 à 08:55

Nti Muhonyore Arusha Kubonana Nabo Bicanyi

18
JUMA 16-02-2017 à 07:02

Mbe basha uwo mugabo pita yananiranye utaganiy nuwo muhamana woca uganira nande?niyemere aveko kuk baramuhonyora.nazo inkoho boza ku musi abarasa barakwiye.

19
Leonidas Buyoya 16-02-2017 à 06:36

UMUHUZA YIFASHE MURI RIMWE KO NA MUZEHE YMUTUMIYE.UYU MUSI NIHO IKINYOMA C,ABAGUMYABANGA CARI KUGARAGARIRA KUKO MUZEHE YARI KUBAMENERAKO ISAHO.RETA NIBAYIGIRE NKO MURI LYBIE

20
Furaha 16-02-2017 à 05:05

Tangu nizariwe twende Tanzania Twende Tanzanzania.maishayetu Niakuchekwa mpaka mungu ashuke

1 | 2

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha