IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Australia : Umuhungu w’umurundi yitavye Imana asomye nturi

Australia : Umuhungu w’umurundi yitavye Imana asomye nturi

jeudi 21 décembre 2017

Uwo murundi, yari umuhungu azwi kw’izina rya Elias NIMBONA yari asanzwe aba aho mu gihugu ca Australiya.

Amakuru duamenyesha ko kesha iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko amakuru ava mu karere Elias NIMBONA yapfiriyemwo, avuga ko yasomye nturi igihe yari mu rubanza rw’isabukuru ku kiyaga.

lghungu w’imyaka 15 aturuka mu gihugu c’u Burundi yitavye Imana inyuma yaho asomeye nturi yoga ku nkengera za Glenelg mesha iradiyo y’abongereza bbu gihugu ca Australia ku munsi wa mbere.

Ayo makuru nyene amenyesha ko Elias NIMBONA yatowe areremba mu mazi, amaso araba mu mazi atarackina ,ariko abatabazi bagerageza kumugarurira ubuzima naho mu nyuma yahavuye acikana.

Elias NIMBONA abaye uwa kabiri asomye nturi ku nkengera za Glenelg muri zino ndwi zibiri, inyuma y’urupfu rw’umunyeshuri w’umukobwa ava mu gihugu c’Ubuhindi, hari kw’igenekerezo rya 10 Kigarama 2017.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.