Bamwe mu barongoye ibisata mu giporisi c’Uburundi bahinduwe

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 3 Myandagaro 2017 saa 09:17
Yasomwe : 51678
0 0

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yagenye bamwe mu bagiye kurongora ibisata bitandukanye mu giporisi c’Uburundi.Muri abo bagenywe harimwo uwugiye kurongora igiporisi kijejwe umutekano mu mabarabara, hamwe n’uwurongoye igiporisi kijejwe kurwanya imigumuko.

Mu giporisi kijejwe umutekano mu mabarabara PSR hagenwe OPC1 BANKIBIRWIRA Roger kugira asubirire Alfred Innocent MUSEREMU yari yagenywe muri ico kibanza mu kwezi kwa Gitugutu 2014.

Mu giporisi kijejwe kurwanya imigumuko, hagenywe OPC2 MANARIYO Jean Claude abe ariwe akirongora, akaba yasubiriye Emmanuel MANARIYO.

Abandi bagwenywe ni umukuru w’igiporiri kijejwe kurwanya iterebwoba,akaba ari OPC2 NZEYIMANA Alexandre.

Igiporisi kijejwe umutekano wo mu mazi kigiye kurongorwa na OPC1 HABONIMANA Louis, mu gihe igiporisi kijejwe gukingira imico kigiye kurongorwa na OPC1 BAHUFISE Therence.

JPEG - 106.1 ko
Emmanuel MANARIYO, yahora arongoye igiporisi kijejwe kurwanya imigumuko

Emmanuel MANARIYO yahora arongoye igiporisi kijejwe kurwanya imigumuko, yari yegenwe mu kwezi kw’icumi umwaka wa 2016, inyuma yaho uwahora akirongoye Desire UWAMAHORO afashwe agapfungwa yagirizwa kwiba akoresheje urwenge.


Kumenyekanisha

1
Hakizimana Gerard 3-08-2017 à 16:12

Turamushimiye cane nyakubahwa umukuru wigihugu cacu kuvyoyakoze kuko nakazi kamisiyosi kigihugu kuko yakoze neza.umwewese nakazi kiwe.murakoze

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha