Accueil > Amakuru > u Burundi > Bamwe mu bashikiranganji bagenwe batanguye kubisikanya
Bamwe mu bashikiranganji bagenwe batanguye kubisikanya
mardi 24 avril 2018
Igikorwa co kubisikanya catanguriye mu bushikiranganji bwaho bwitwa ubushikiranganji bw’amaposita, gutumatumanako amakuru, ibimenyeshamakuru n’ubuhinga bwa none bwo gutumatumanako amakuru.
Umushikiranganji Nestor BANKUMUKUNZI yahora arongoye ubwo bushikiranganji, yabisikanije na Evelyne BUTOYI agiye kurongora ubushikiranganji bw’urwaruka, n’ubuhinga bwa none bwo gutumatumanako amakuru.

Uwundi yabisikanije na Nestor BANKUMUKUNZI yahora arongoye ubushikiranganji bw’amaposita, gutumatumanako amakuru, ibimenyeshamakuru n’ubuhinga bwa none bwo gutumatumanako amakuru, ni Serges NDAYIRAGIJE agiye kuramutswa ubushikiranganji bwo guhanahana amakuru n’ibinyamakuru.

Serges NDAYIRAGIJE yahora aramutswa ubushikiranganji bw’intwaro ibereye, nawe akaba yasubiriwe na Jeanne d’Arc KAGAYO yahora arongoye ubushikiranganji bw’iterambere ry’amakomine.
Ahandi babisikanije, ni mu bushikiranganji bw’amagar y’abantu no kurwanya Sida, Muganga Josiane NIJIMBERE yahora aramutswa ubwo bushikiranganji, yabisikanije na muganga Thaddée NDIKUMANA, yahora ari umuvugizi w’ubushikiranganji.

MUGISHA Van Naris
Messages
24 avril 2018, 18:13, par Ndayisenga Emma
Abobashikirangaji Babishije Abandi Nabo Baciye Bakora Iki ? Bababishije Kuberiki ?
24 avril 2018, 18:53, par NIYUNGEKO ALEX
LETA SHASHA TURAYIKEJE BAKORE BITANGIRA IGIHUGU
24 avril 2018, 20:18, par Niyonzima
Andika hano IMANA niyo itang ang amabanga mushime aho IMANA yabasize abanga nuhawe yitwaremwo neza anamwe muhinduriwe mushime IMANA mubasengere murazi ahabagoye mubasabire IMANA ibohereze
25 avril 2018, 04:07, par Busurahende
Oya nta kubisikanya kurimwo ahubwo ni ugusohorwa. Icanshimishije ni uko muri aba bariko barasohorwa harimwo abariko bafata ingingo zo guhohotera abandi batazi kumbure ko izo ngingo nabo zishobora kubafata.