IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Banki itanga ingurane ku rwaruka igiye gutanguzwa

Banki itanga ingurane ku rwaruka igiye gutanguzwa

vendredi 3 Ruhuhuma 2017, par Egide NDUWIMANA

Reta y’Uburundi imenyesha ko igiye gushiraho ibanki izotanga ingurane z’imitahe ku rwaruka ruhurikiye mu mashirahamwe atandukanye y’ukwiteza imbere.

Gaston SINDIMWO, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu c’Uburundi amenyesha ko Reta y’Uburundi yiyemeje gutegura kazoza keza k’urwaruka, arico gituma Uburundi bwiyemeje gutanguza ibanki ijejwe urwaruka.

Reta y’Uburundi isaba urwaruka ko rwoja hamwe mu mashirahamwe y’ukwiteza imbere, kugira iyo banki izoze irabagurana, ibizotuma hagabanuka igitigiri c’urwaruka ruta iwabo rugahurumbira ibisagara. Kubwa Gaston SINDIMWO, imigambi y’iterambere izosanga urwo rwaruka mu makomine ruvukamwo.

Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu asaba ko umuyagankuba wokwizwa mu makomine yose agize igihugu c’Uburundi, kugira urwaruka rushobore kwitunganya mu bikorwa vy’iterambere mw’ikomine imwe yose, iyo banki nayo ifashe mu ngurane z’ugutanguza iyo migambi y’ukwiteza imbere.

JPEG - 98.2 ko
Gaston SINDIMWO, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu

Ku kibazo c’ukumenya igihe iyo banki izotangurira gutanga ingurane z’imitahe ku rwaruka, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, Gaston SINDIMWO yishuye ati : "Umukuru w’igihugu avuze abajejwe kubishira mu ngiro baca babishira mu ngiro. Ni ukuvuga rero, umukuru w’igihugu yararivumereye, twebwe canke abandi bo mu bisata bitandukanye, ubu ico bitegurira n’uko uwo mugambi ushirwa mu ngiro vuba."

Reta y’Uburundi imenyesha kandi ko irajwe ishinga n’irwirirana ry’abantu, Gaston SINDIMWO agasaba abafasha Uburundi ko bofasha mu mugambi w’igihugu w’ukugabanya imvyaro.


IGIHE

Messages

  • Emwe arukugabanya mukoresheje inkoho murabizi guhera 2015 kugeza 2017 mumaze kwica urwaruka gwishi!, niho abategetsi bikigihe Imana ya maze kubacurika ubwenge bwanyu mutakimenya nukugene mwoshobora kurongora abenigihugu!, kuko ikiri mumitwe yanyu nugukosora Imana, UHORAHO ya vuze ati genda muvyare murondoke mungane nkumusenyi wokukiyaga. Namwe ngo ntikibaho!,Jewe nzohagarika uwavuze ngo nimuvyaremugwizisi, arivumereye ati nipagarike. mfise abana 7 bishobotse nifuza kwogerako 6 canke baranga, kuko iyo Mana itanga itarya izorushirizaho kumpezagira mukumpereza ivyokubatunga, nokubasomesha, nibindi nibindiiii, nimuhende abandi.

  • Hhaaahh murahenda abandi,ngo Banque?ko amahera y’abasoda bari muri Somalie mwayabuze, ayo yandi muzoyakura he?

  • TURASHIMYE ICOGIKORWA KIGIYE GUKORWA KUNYUNGU ZURWARUKA .NATWE URWARUKA TUGIYE GUKURA AMABOKO DUKORE TWITEZE IMBERE NTITUGUME MUBUSHOMERI .

  • BAREKE ABANTU BAGWIRE NIKOBAPFA.

  • Ndabashimiye nyakwubahwa cegera cambere cumukuru wigihugu cu Burundi Gaston Sindimwo,
    Ndanezerejwe canegose nicociyumviro cogukwiragiza umuyagankuba mumakomine yose agize uburundi, muvyukuri mujazoramuka mubikoze muzobona komutihenze, cokimwe niyo banki yokugurana urwaruka rugakora ibigambi yokwiteza inbere hariya muna komine iwabo, murakoze.

  • VYOBAVYIZA, NGIRANGO TWOHATORERA AKOYOKO ARIKORERO NTITUZOHAVA DUSANGA IZO NGURANE ZIHAWE URWARUKA GWIZE TWENATWE TUTIZE NTIHAGIRE ICO TUHAKURA?MURAKOZE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.