Incamake

Benjamin MKAPA yaganiriye na Michel KAFANDO ku biganiro bihuza Abarundi

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 22 Ntwarante 2018 saa 07:14
32010
0 0

Umufasha mu biganiro bihuza Abarundi bibera hanze y’Uburundi, Benjamin William Mkapa, yakiriye kuri uwu wa kane i Dar es-Salaam mu gihugu ca Tanzaniya, Michel KAFANDO, intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Macosha Moshe Tembele, umwunganirizi wa Benjamin William MKAPA amenyesha ko muri uwo mubonano, Benjamin William MKAPA na Michel KAFANDO baganiriye ingene ibiganiro bihuza Abarundi vyobandanya, inyuma y’aho abakuru b’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko bafatiye ingingo ko ibiganiro bihuza Abarundi kandi bibera hanze y’Uburundi bibandanya, birongowe na Yoweri Kaguta Museveni umukuru w’igihugu ca Uganda hamwe na Benjamin William MKAPA yahoze ari umukuru w’igihugu wa Tanzaniya.


Kumenyekanisha

1
eric 23-03-2018 à 09:59

nukugora umuhuza mkapa yarababwiyeko reta yuburundi yamunaniye. igisigaye nikimwe onu nishireko akoro ibisigaye imana ikorivyayo

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha