"Benshi bahungira muri Tanzaniya bibaza ko bazoronswa ubwenegihugu" - MAGUFULI

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 21 Mukakaro 2017 saa 10:05
Yasomwe : 29520
0 0

Umukuru w’igihugu ca Tanzaniya John POMBE MAGUFULI, mw’ijambo yashikirije yakira mugenzi we w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA kuri uwu wa kane, yasavye impunzi ko zotahuka ku bushake bwazo, kuko benshi bahungira mw’ico gihugu bibaza ko bazoronswa ubwenegihugu nk’uko vyakozwe ku barundi bakera bahungiye muri ico gihugu baheruka kuronswa ubwenegihghu bwa Tanzaniya mu myaka ya 2006 na 2007.

John POMBE MAGUFULI yamenyesheje ko ateye akamo abarundi bahungiye muri ico gihugu bashobore gutahuka mu Burundi ku bushake bwabo. Uwo aramutswa Tanzaniya yasavye kandi umushikiranganji w’intwaro yo hagati w’igihugu guhagarika gutanga ubwenegihugu ku mpunzi, kuko ku bwiwe bituma impunzi z’Abarundi zibandanya kwiyongera.

Umukuru w’igihugu wa Tanzaniya yasavye amashirahamwe asanzwe afasha impunzi muri ico gihugu ko atoza arigisha ko mu Burundi hari ingorane.

Muri iryo jambo yashikirije, umukuru w’igihugu wa Tanzaniya arizeza Abarundi bahungiye muri ico gihugu, ababwira ko batokwibaza ko bagiye kwirukanwa, kuko abazohunguka bazobikora ku bushake bwabo.

Mu rugendo umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yagize mu gihugu ca Tanzaniya kuri uwu wa kane, yasavye abarundi bahungiye muri ico gihugu ko bohunguka bakaza gufasha kwubaka Uburundi.

Mw’ijambo yashikirije i Ngara mu gihugu ca Tanzaniya, Petero NKURUNZIZA yamenyesheje ko mu Burundi hari amahoro, ahamagarira abarundi bari mu makambi y’impunzi gusubira mu gihugu cabo kugira baterere agacumu k’ubumwe mu kwubaka igihugu c’Uburundi.


Kumenyekanisha

1
HARINDINTWARI, 23-07-2017 à 08:44

NUKURI,TURASHIMIRA,UMUKURU,WIGIHUGU,KUBA,YASAVYEKO,ABENE,DATA,KO,BOHUNGUKA,BAKAZA,TUGAFASHANYA,KWUBAKA,IGIHUGU,NIBITABIRE,AKAMO,KUKO,MUBURUNDI,AMAHORO,NTITWIDOGA,

2
nkusa 21-07-2017 à 11:02

Amahoro ashoborakuba ariwawe murugo gusa, ariko nabwo mumutima wawe ntayarimo pe!

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha