Accueil > Amakuru > u Burundi > Bubanza : Umuporisi yishe umuhabara wiwe nawe arirasa
Bubanza : Umuporisi yishe umuhabara wiwe nawe arirasa
samedi 15 Ndamukiza 2017, par
APC Antoine NDAYISENGA, umuporisi yakorera muri komine Rugazi, mu ntara ya Bubanza, yagandaguye arashe umuhabara wiwe, aho akaba ari mu gihe uwo mugore yari agiye kumusaba amafaranga y’ugutunga abana babiri bavyaranye, nk’uko amakuru ava aho i Bubanza abivuga.Umugore yemewe n’amategeko w’uwo muporisi aba mu ntara ya Ruyigi.
Uwo muhabara asanzwe aba i Bujumbura, mu biganiro yagiraniye na APC Antoine NDAYISENGA, ntibumvikanye, bompi baca batangura kuganira badashira hamwe. Uwo muporisi yaciye yugurura umuriro, arasa amasasu yahitanye uwo mugore, akomeretsa umwana basangiye yari ahetse.
Nk’uko OP1 NKURIKIYE avugira igiporisi c’Uburundi abimenyesha, uwo muporisi nawe yaciye yirasa nawe aracikana.
IGIHE
Messages
15 Ndamukiza 2017, 16:54, par Epimac
Emwe Akatuvyaye Kazotumira Pee!!! Nne Nkaho Koyarafise Umugore Uwundi Yamuhigako Iki? Ntibafise Kimwe? Ntabe Yapfuma Aja Gugiga Imaraya Nyakurushwa! Ntaco Ko Bapfanye Na Yezu Ngira Bazozukana Rekaturindire Ejo
15 Ndamukiza 2017, 17:08, par Usa
Yooo! Birababaje cane .Mukwiye kugarura dicipline mu bajejwe umutekano nayo ahandi bizokwama bigenda gutyo nyene kuko ivyo bikora benshi muri bo !!! Abo bavuze ababo bihangane
15 Ndamukiza 2017, 17:52, par 75340922
Mbabajwe nuwo mukenyezi nayo uwo mugabo wewe ntawe yobabaza ariwe yiyahuye!
15 Ndamukiza 2017, 20:31, par Wakera
Ayo n’amaraso yabatundi birirwa barasesa atanguye kubahumira! Akari inyuma karahinda!!!
15 Ndamukiza 2017, 20:40
inora
15 Ndamukiza 2017, 21:16, par Rukundo
Ahubwo Ndamufana Yakunda Umugore Kabaye Akaciyemwo
16 Ndamukiza 2017, 07:19, par Gilbert Murenge.
Iryavuzwe Riratashe.Bibiriya Ivuga Iti: "ingero Y’icaha Ni Urupfu".
16 Ndamukiza 2017, 11:21, par JOEL NTIRABANPA
YOOO KOBIBABAJE IYOYIHANGANA AGAHA UWOMUPFASONI IVYOYASABA NTANGORANE ZAHABA WANKA AKAGAYO UKABA UKITEYE
16 Ndamukiza 2017, 14:13, par Ndayiragije
Sha Ntakundi Igihu Nicihangane Caye Kibuze Muga Uwo Mugore Yaguye Mumporero Nawe Uwo Mupolice Biramusha Kuko Ntawamubwiye Ngo Ace Yiyahuza Amasasu.
16 Ndamukiza 2017, 15:30, par SUGURU SEBASTIEN
BARI BABAHUSHE UMUTI!
16 Ndamukiza 2017, 20:40, par Jandodi
Uwomuporisiyarakweyekucafanyene,kukuyarenzeingigo,kandi,ajejwegucungeraumutekano
16 Ndamukiza 2017, 21:01, par f.c
wakera,uri hovyo
17 Ndamukiza 2017, 09:53, par Kubitimbwa Pierre
Wakera afise ubwenge nkubw’ingurube(Wakera=Mr Pig)
17 Ndamukiza 2017, 13:18, par Josh
Wakera ni igikwangari mumutwe.
17 Ndamukiza 2017, 15:41, par Nzohabonayo Isaie
Ivyubu Ni Danger.Mugabo Ingero Yicaha Nurupfu.Ntakundi
18 Ndamukiza 2017, 06:22, par Irumva
Nikobiri Ingeroyicaha Nurupfuuuuu Nabandi Nibumvirehooooo
19 Ndamukiza 2017, 23:47
Umuvugizi w’Uburundi Ko yibagiwe kutubwira Ko uwo muporisi warashe umuhabara yatumwe nu Rwanda?
20 Ndamukiza 2017, 08:44, par VYINYO
Birababaje Kubna Umuporisi Yica pee.,... Aho Yocunze Umutekano