Bujumbura : Abarondera impapuzo z’inzira (Passeports) baridogera abajejwe kuzitanga

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 17 Gitugutu 2017 saa 11:34
28785
0 0

Bamwe mu banyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura baridoga ko bamaze iminsi irenga ukwezi basavye impupuro z’inzira (Passeports) ariko bakaba batarazironswa. Abo banyagihugu bavuga ko babwiwe n’abajejwe gukora izo mpapuro z’inzira ko ikibazo kiri ku bukene bw’amafaranga y’agaciro, kubera ibikoresho bakenera bigurirwa hanze y’Uburundi. Mu giporisi kijejwe uruja n’uruza bavuga ko ata kibazo na kimwe bafise.

K.D ni umupfasoni w’abana babiri aba mu gisagara ca Bujumbura. Yemeza ko ukwezi guheze asavye impapuro zibiri z’inzira z’abana biwe biwe bashaka kuja mu buruhuko hanze y’Uburundi. Uwo muvyeyi amenyesha ko ubwo buruhuko bwarinze buhera ataronse izo mpapuro z’inzira.

Uwundi mugabo atashimye ko izina ryiwe yimenyekana avuga ko ikiraka yari yaronse muri kimwe mu bihugu vya Buraya yagitakaje kubera amaze amezi abiri asavye urupapuro rw’inzira, ariko gushika ubu akaba atararuronswa. Uwo mugabo amenyesha ko abari bamuhaye ico kiraka (Consultance) bari bamuhaye ikiringo c’ukwezi kumwe, ariko akaba amaze ayo mezi abiri atararonswa urwo rupapuro rw’inzira. Yemeza ko ikibanza ciwe caciye gihabwa uwundi.

Tubajije insiguro bahabwa abo bavuga ko batararonswa impapuzo z’inzira basavye, bamenyesha ko babwirwa n’abakozi b’igiporisi kijejwe uruja n’uruza ko ibikoresho bikora izo mpapuro z’inzira ari bike, bitewe n’amafaranga y’agaciro adahari. Bimwe mu bikoresho bivugwa ko bikenye akaba ari impapuro zikoreshwa, izo nazo zikaba zigurirwa hanze y’Uburundi hakoreshejwe amafaranga y’agaciro. Mu giporisi kijejwe uruja n’uruza barahakana ayo makuru.

Jimmy HATUNGIMANA, umuyobozi mukuru w’igiporisi kijejwe uruja n’uruza (PAFE : POLICE DE L’AIR, DES FRONTIÈRES ET DES ÉTRANGERS) amenyesha ko mu gisata gikora izo mpapuro z’inzira higeze kuba ingorane z’ubuhinga, ariko akamenyesha ko izo ngorane zatorewe inyishu.

JPEG - 28.3 ko
Jimmy HATUNGIMANA, umuyobozi mukuru w’igiporisi kijejwe uruja n’uruza (PAFE : POLICE DE L’AIR, DES FRONTIÈRES ET DES ÉTRANGERS)

Jimmy HATUNGIMANA yemeza ko ibikoresho vyose bikenerwa mu gukora impupuro z’inzira bihari, akavuga mbere ko ata muntu amaze ukwezi canke kurenga ataratunganirizwa, mu basavye izo mpapuro z’inzira.


Kumenyekanisha

1
BUSURAHENDE 17-10-2017 à 12:23

Banyagihugu mutatunganirijwe n’ivyo biro bijejwe uruja n’uruza mukamara amezi n’amezi mutaronse impapuro mwipfuza, umukuru abijejwe arabakuriye inkoni ku gishitsi. Nta ngorane zihari muri ico gisata, ahubwo ntimuzi ingene mwisigura mu gusaba ivyo mushaka. Ni mwasubirayo murumva yuko bizoba vyoroshe. Abumva ni bumve.

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha