IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura : Abasegerereza n’abiyerereza ntibubahirije ingingo (...)

Bujumbura : Abasegerereza n’abiyerereza ntibubahirije ingingo y’umushikiranganji

vendredi 20 Ndamukiza 2018, par Egide NDUWIMANA

Bamwe mu bagendana ubumuga hamwe n’abasegerereza baganiriye n’ikinyamakuru IGIHE bamenyesheje ko uwu musi baje batevye gato kuko hariho abari batinye ko bashobora gufatwa n’abajejwe umutekano, ku ngingo yasohowe ibabuza gukora ico gikorwa.

Umukenyezi umwe agendana ubumuga bw’amaguru twasanze kuri ico gituro c’imiduga yavuze ko atarota abiheba, kuko ariho aziga uburaro n’uburamuko.

Uwo mugore yavuze ati : “Jewe mfise umwana yiga mu mwaka w’indwi, nije ndamugaburira kandi ni jewe ndamutangira amafaranga y’ishure, mvuye hano twoca tubaho gute ? Sindota mva hano.”

Umugabo agendana ubumuga bw’’ukuboko yashikirije ko atumva igituma baburagizwa kuko atawe bagora baronswa amafaranga n’uwubishatse.

Uwo mugabo yavuze kandi ko igihugu c’Uburundi atarico conyene gifise ibimuga bisega, agasaba ko bakwiye kubareka, nk’uko biri mu bindi bihugu.

Abo bagendana ubumuga twasanze kuri ico gituro batumenyesheje ko mu gishingo co kubafata babasubiza mu ntara zabo vyoba vyiza baronkejwe umutahe kugira bashobore kwibako.

Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu n’inyigisho zo gukundisha igihugu mw’itangazo bwasohoye kuri uwu wa kabiri bamenyesheje ko icaha co gusegerereza gihanwa n’igitabu mpanavyaha c’Uburundi mw’itegeko nomero 1/27 ryo kuwa 29 Kigarama 201.

Umushikiranganji Pascal BARANDAGIYE yatanze ikiringo ntarengwa co gushika kuri uwu wa kane igenekerezo rya 19 Ndamukiza kugira abasegerereza hamwe n’abiyerereza bazobe bavuye mu mabarabara. Inyuma y’iryo genekerezo, ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bwavuze ko ingingo zikomeye zizofatwa.


Vianney BIKORIMANA

Messages

  • Iciyumviro Jew Novuga Nuko Bobarugika Muntara Zabo Bakazogaruka Amatora Aheze Kuk Bagumye Mwibarabara Bogira Ingorane .Murakoz.

  • Yemwe Isi Yaheze Ni Babareke Kuko Ivyo N’ivya Kera No Muri Bibiliya Turabon’abantu Beshi Wasanga Bicaye Kumarembo Y’ibisagara Kuma Sinagogi Basegerereza Yesu Cank’abigishwa Mukubatorer’ibibazo Barabakiza Abo Babayukwo Batabishaka Ahubwo N’umugambi W’imana. Kugir’ Tuyikorere Duciye Murabo. Inzira Irashe Mbona Reta Yokora Ni Ikore Nka Yesu Babah’imitahe Nkuko Bamwe Mbona Babisavye Murakoze.

  • izongingozifatigwa abasegerereza nizije kubahohoterugusumba! vyarivyizakoreta ibakuramwibarabara ikacijirabafashamumarushwayabo bitabayuko kwobarukubica!nkuwonumvisarihirumwanamaherayishure akuyahonyene.nihatari ! !

  • None babirukana ataco bashoboye kubafasha? Ntibazi ko Uburundi buri mu bihugu vya nyuma bikenye kw’isi kandi ahanini vyatewe n’ubutegetsi bubi buhari? Nta ntwaro y’i Burundi yaribwo ifate ingingo nk’iyo.

  • Andika hanohagirahazabastisti,ebana)ntabasega,dushaka:

  • Jewe icombona. reta
    Yuburundi. nireke a novas Egan agenda ubumuga kuko usanga. arihobazeye uburaronuburamuko. mugabo. abobasegerereza. bakomeyenibabaduganeruguru. iwabo. iyobajebava. hama abobanabamayibobo babashiremubigobifasha abatishoboyebige
    babigishenimyuga.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.