IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura: Abunguruza abantu basaba inyigisho ku bijanye n’amatara yo (...)

Bujumbura: Abunguruza abantu basaba inyigisho ku bijanye n’amatara yo mw’ibarabara

mardi 29 Myandagaro 2017

Mu bice bimwe bimwe vy’igisagara ca Bujumbura na cane cane ahari amahuriro y’amabarabara, haramaze gushirwaho amatara afasha abiyunguruza kumenya ko hageze guhagarara canke kubandanya, naho hari aho ataratangura gukora.

Bamwe mu bagendesha imiduga canke abatembera n’amaguru bamenyesha ko ayo matara yaje hageze, kuko hari bamwe bakoresha amabarabara mu gisagara batubahiriza abandi.

Umwe mu bagendesha imodoka yunguruza abantu (Taxi) arashima, naho nyene avuga ko amakenga yoyo atabuze, ku bijanye n’ingene ayo matara akora.

Yavuze ati: «Ni vyiza cane turabishima ,kuko bagerageje gushiraho ubuhinga bwa none mu bijanye no kwiyunguruza.Ariko rero , uravye usanga itara ritukura risigura guhagarara ryaka umwanya muremure, ariko irisa n’urwatsi rubisi risigura kugenda rikaka umwanya muto.»

Yongeye ati: «Bamwe bamwe ntibazi n’ingene bikora, uza ubona umuntu abandanije agenda kandi hatse itara ritukura. Hari hakwiye ko ababijejwe bategura umwanya wo kutwigisha.»

Mu giporisi kijejwe umutekano mw’ibarabara bamenyesha ko ayo matara afasha abiyunguruza ataratangura gukora ku mugaragaro, ariko ko bakiri mu mwanya wo kugerageza.

Naho hakiri abataramenyera kuyagenderako, OPC1 Roger BANKIBIRWIRA arongoye igiporisi kijejwe umutekano mw’ibarabara avuga ko uwo bibonetse ko atayubahiriza bamukosora bivanye n’uburemere bw’ikosa akoze.

JPEG - 43.6 ko
Roger BANKIBIRWIRA, arongoye igiporisi kijejwe umutekano mw’ibarabara

OPC1 Roger BANKIBINGURA akamenyesha ko hagiye gutunganywa isekeza ryo kwumvisha abanyagihugu ingene ayo matara akora,uko vyubahirizwa n’amategeko ahana ababirenzeko.

Umuyobozi w’igiporisi kijejwe umutekano wo mw’ibarabara akizera ariko ko, mu minsi iri imbere abatwara imodoka n’ibindi vyuma bazoba bamenyereye gukoresha ayo matara.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.