Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura : Amwe muma karitiye ntazoronswa amazi kuri uwu wa (...)
Bujumbura : Amwe muma karitiye ntazoronswa amazi kuri uwu wa gatatu
mardi 20 Ruheshi 2017, par
Nk’uko biri mw’itangazo rya Regideso inomero 1939 /503-00 ryo kuri uwu wa kabiri, umuyobozi mukuru wa REGIDESO, Jeroboam NZIKOBANYANKA amenyesha ko hari ibikorwa vyihutirwa bitegekanijwe ku mihora itwara amazi meza muma karitiye ya Gasenyi , Gihosha-Muyaga hamwe na Carama, bikazotuma ababa muri ivyo bice bataronswa amazi ku munsi wa gatatu igenekerezo rya 21 Ruheshi 2017 kuva igihe c’isaha zibiri z’agatongo gushika igihe c’isaha cumi na zibiri z’umugoroba.
Iryo tangazo rya REGIDESO risaba abantu baba muri ivyo bice kwitegura muvyo bakenera, mu kurindira ko ivyo bikorwa birangira basubire kuronswa amazi.

Vianney BIKORIMANA