IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura : Imyiyerekano y’ukwiyamiriza icegeranyo ca ONU irabandanya

Bujumbura : Imyiyerekano y’ukwiyamiriza icegeranyo ca ONU irabandanya

jeudi 29 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Mu gihe i Genève mu Buswise hariko habera inama igira iya 33 y’igisata kijejwe agateka ka zina muntu mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, imyiyerekano y’ukwiyamiriza icegeranyo ONU yasohoye ku Burundi irabandanya. Indwi imwe irakwiye kuri uwu wa kane haba imyiyerekano imbere y’ahakorera mu Burundi igisata ca ONU kijejwe agateka ka zina muntu mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU. Muri iyo nama iriko ibera i Genève, bitegekanijwe ko Uburundi bushobora gufatirwa ingingo.

Iyo myiyerakano iriko iraba yasubiriye gutunganwa na Jean Luc NDIKUMWENAYO avuga ko ari uwo mu bwoko bw’Abatutsi, akaba asanzwe ariwe yaheruka kandi gutanguza iyindi myiyerekano nk’iyo, imbere y’ibiro vya ONU mu Burundi, yiyamiriza abavuga ko hagiye kuba ihonyabwoko ry’abatutsi mu Burundi.

Inyuma y’amasaha make ahamagariye "abandi batutsi" kuza kwifadikanya nawe, abantu benshi baraje kumufasha, kuri uwu wa kane bakaba bakwije indwi badasiba. Abari mu myiyerekano bafise inzandiko ziyamiriza icegeranyo ONU yasohoye ku Burundi, bakavuga ko muri ico cegeranyo harimwo ibinyoma n’amarementanya, bakiyamiriza ihonyabwoko rivugwa ku Burundi.

Icegeranyo c’abahinga b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ku matohoza ajanye n’ihohoterwa rya kiremwa muntu mu Burundi kuva mu kwezi kwa Ndamukiza umwaka w’2015 kivuga ko amabi yakozwe yerekana ko ihonyabwoko rishobora kuba mu Burundi.

Ico cegeranyo kivuga ko Uburundi bushobora n’ugukurwa mu nama y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ijejwe agateka ka zina muntu, abo bahinga bakoze ico cegeranyo bagasaba ko ubutungane mpuzamakungu bwofata mu minwe ico kibazo c’Uburundi, abagirizwa amabi yakozwe bashengezwe.

Abo bahinga ba ONU bavuga ko amabi yakozwe mu Burundi muri ico kiringo yagirizwa cane cane Reta y’Uburundi, kuko yakozwe n’abakozi bayo, Reta ikagirizwa kandi ko ataco yakoze kugira ihane ivyo vyaha. Nk’uko bishikirizwa n’abo bahinga, bisunze kahise k’Uburundi, ihonyabwoko rirashobora kuba.

Icegeranyo c’abahinga ba ONU kivuga amabi yakozwe mu Burundi kuva kw’igenekerezo rya 15 Ndamukiza 2015, gushika kw’igenekerezo rya 30 Myandagaro 2016. Abo bahinga bamenyesha ko muri ico kiringo bamenye ko abantu bagera ku 564 aribo bishwe, bagasaba ko ubutungane mpuzamakungu bwokurikirana abagirizwa ubwo bwicanyi. Amakungu nayo, harimwo n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, yasabwe ko yofata mu minwe ico kibazo c’Uburundi, kuko gishobora gutandukira n’umutekano w’akarere ico gihugu giherereyemwo.

Reta y’Uburundi yaraneguye ico cegeranyo, bakamenyesha ko ico cegeranyo ari ica poritike, kurusha uko cari kuba ic’abahinga bigenga.


IGIHE

Messages

  • eweee nkuru na nyamitwe kwakweli murabajanja,uyo mututsi umwe muriko murashira imbere ngo nta genocide iriko iraba,uyo mututsi ninzara gusa niyo imwishe.genocide nkuru warayiteguye nubu waratanguye kwicha abasirikare nabaporisi babatutsi nabahutu badashigikira iyoreta itazwi namategeko.siku yamwizi niarubaini.icho womenya ntabwoko uzoheza canke nta bahutu batagushikiye uzoheza.mwisho wako nimawuti na utalipwa namungu mawovu yote uko unafanya.

  • NITWIYAMIRIJE IYO MIHIMBIRI YABAZUNGU BURIMWANYA BAROTA UBURUNDI TWEBWE NTITUBAHA UBURUNDI BWACU BATESHWE BATE MWEBWE KOMERA

  • Mwibagiwe ca giturire,nimujane imiceri ku cicaro ca ONU, mwiyamiriza mutiyamiriza ni hahandi hanyu, ingingo ruhashwa zirafatwa,mwafyonze abanyagihugu reka rero namwe muvyishure,akari inyuma karahinda

  • Babuze icobakora. Birirwa biyanikira kuzuba aho gukora. Nyamitwe arabagira des tonneaux vides. Kutiga biragatsindwa. Umunya politike azokwama akamisha ubujuju banyu. Ahubwo hagarika gukora mwicare mu mabarabara muzoveyo basinyuye ivyo basinye. None ntabantu banyuruzwa na snr bukeye bagatorwa ibiziga ? Jean Bigirimana yitwaje nande? Nyongera yishwe nande? Pourquoi cette menace envers les ex-Fab? Hagarika kwica. Iyo nzigo mufise niyo izo tumazemwo mudutwara neza. Objektiv dd reste une armée monoethnique biragaragara.

  • Imburamukoro gusa! Murabura kuja kurondera amahera ngo mubeho mugasakuriza ONU itabitayeho. Muzoruha

  • natwe Turi mumahanga turiyamirije akokagwi katarotako uburundi bwoterimbere ONU irabe neza jendabaza ATI kudeta ziremewe canke ntizemewe mbehariho itegeko rirengera uwakoze kudeta kuberiki ataco ONU ibivugako wogirango barariye igiturire turiyamirije abatosekaza uburundi ONU nayo ishisho se neza bareke guhengama

  • #BurundiToday 28-09-2016: #ISAZI HAMWE YOMENYA UBWENGE ,YOKORA UBUKI !
    .
    #UMUGUMYABANGA YATWANDIKIYE ATUBAZA NGO:
    .
    MU NTANGO BATUBWIRA NGO IGIHUGU C’URWANDA KIRASIBIJE IGIHUGU ,TUJA MW’IBARABARA NGO TWIYAMIRIZE ICO GIHUGU HAMWE N’ABAKIRONGOYE!
    .
    URWANDA RUHAVUYE,MUNYUMA BATUBWIYE KO UBUBIRIGI BUSHAKA KUZA KUDUSUBIZA MUBUKORONI, NAHO NYENE NGO SHIDUKANA NIYONKA KUGIRA TUBWIYAMIRIZE ! IVYAKURIKIYE NTAVYO TUZI AHUBWO TWAGIYE TWUMVA AIME NYAMITWE YAGIYE GUSABA IKIGONGWE !
    .
    NTIVYAHEREYE NGAHO, BATUBWIYE NGO IGIHUGU C’UBUFARANSA KIRIMWO KIRATWINJIRIRA AHUBWO KO TWONYARAGASA TUKAZINDUKA MUMUTWENZI KUGIRA TWIYAMIRIZE UBUFARANSA KUKO NGO MU BURUNDI TWARIKUKIYE !
    .
    UBU NAHO BAGENZI ,HAGEZE YAHO BATUBWIRA NGO TWIYAMIRIZE ONU ,NUKUVUGA YUKO TURIKO TURIYAMIRIZA IBIHUGU VYOSE BIGIZE ISI YOSE! MBEGA IYO NTAMBARA YISI TUZOYISHOBORA?
    .
    BIRAKOMEYE : MBEGA AYO MASHIRAHAMWE YOSE,IVYO BIHUGU VYOSE NIGIKI DUPFA? KUBERIKI BABONERA UBURUNDI GUSA? UKWO BIRI KWOSE ABAGUMYABANGA TURAKWIYE GUKANURA TUKARABA KURE HASHOBOKA KUKO ABATEGETSI BACU BARIKO BADUTAMBUKIRAKO NK’IBIRARO KUGIRA BISHIKIRE IYO BASHAKA GUSHIKA!

  • nivyabaye 1965. 1972. 1988. 1993. vyose abakoze ihonyabwoko bafatwe

  • Ninabona abakoze icocegeranyo badahanwe nzocantangura kuba umupinganje wayomashirahamwe mpuzamakungu kuko bakoze ibidakwiye gukorwa!
    Kubona badenda bagafata ivyiyumviro babarundi bahungiye mu Bubiligi, Rwanda, Bugande nahandi, hanyuma bakacabaza kwicisha mu Burundi ngobarimumatohoza kandi narahejeje kera kwandika ivyobipfuzavyose!?
    Ikimenyamenya nuko nabamwe bafatirwa ibihano namakungu kuribo ukurikiranye icocegeranyo nabera kandibidufasha kubonanezako ababahaye ivyobashize mwicocegeranyo bamwenibaryanyene, ntakunturero uyuguhaye ivyuvuga womushiramwo.

  • Hhhhhhhhhhh ariko Abarundi muzajya mwirirwa mu myiyerrkano hanyuma mukore ryari?ubu muruhutse u Rwanda noneho mugiye kwamagana UN

  • Niyaha’agaceri’ariko’ntimuzemusibi’gukoramunkovu’abarundi’babuz’ababo.Ejo’canke’hiryayejo’ashoborakwica’abavyeyibanyu’canke’abanabanyu.

  • Ewe Musaga naAlidi nimugaruke murabekure kuko igihe cabajanye muvyiyumviro vyanyu, nonega Musaga na Alidi mwibazako mugisagara nomugihugucose uwo ariwe mututsi wenyene ahari!!! Mbega mwebwe murihehe?? Tuvuge ukuri!genda kumusaga —nyakabiga jabe buyenzi bwiza ngagara cibitoke mutakura kanyosha kamenge kinama ville niwasanga atabatutsi bahari bazubwenge kukurusha ucumenya kwivyuvuga arukuri.garura agatima kubumuntu kuko nahowoba urinyuma yigihugu uzotaha igihe kigeze,ariko ntufatire hamwe abarundibose nkahumengo urumuvugizi wabo .ntanubwoba wumva iyowandikivyo???urinyuma cane kubirometero vyishi gushikirabandi bizokugora.ariko ndatahura abantu bahunze beshi baribiteze ibitarivyo nanubu bavuga ibitarivyonyene,bamubaza bagenzibanyu barimugihugu bababwire ukobimeze!! Mumenyagute ko jenoside itegugwa muburundi mueihanzeyabwo kuruta abariburundi ubwabo??nibazako mwohindura imvugo nivyiyumviro kuko ico udashoboye kwikorera ugikurakumutima namaso kugira ugiramahoro,mudahindutsenaho buzoza burira bwongera buca mubibona kugeza imisi 2000 iheze mukaza mumatora yuwo mushaka nivyashoboka.arikovyiza mwarikuzambere mukabamuritegura ingene muziyamamaza hageze!! Ivya onu ubufaranca ububirigi America ninkinzozi zitagira icozisobanura zizanwe muburuhe.nimutihamahoro ngomugire iyindi ntumbero muzoruhira homuri kuko ibivyose nakamari ka politique iyumukenyuro umwe wase ,barahindura bagafatuwundi kandi bisabigihe!! Ntimugatukigihugu mwitirigwa mwataye mwuruzogi kukonaho wobamuri america uzogumana imico yuburundi.

  • Uburundi buri mwisanganha tubutabre,jyewe ntanze lnkunga y’a SMG 150

  • ahubwo izo mbonera kure nizizane nibirago ziharare erega niko kazi ki mbura kimazi muzo maramara mbega ataruko muri juju muribaza ko muzohindura iki ?ko musamba ayubusa murindire gato ivyanyu bigiye kuja kumugaragaro

  • Eregaturaziko Onu Ishigikiramwebwe Mwabajingamwe Mwibazakabatutsitutabaz Nuwo Sinzngene Yabavuyemwo Murubwokobubi Akury Akunygeyek Nkinda Arik Abahutu Turimwobincabwenge Dukaze Kubasumba Ubutwarabany Namw Imis Myish Turabaz !! Ntituzigeratwemra Kwizomvazabazunguzizangaha Tuzotwaraigihugu Intumvatuzimes Mwemurabona Mwamicafu Abatutsimusigayemurimumaguruyacu

  • Ibi vyose vyerekana ukuza kw’umwana w’Imana Yesu Kristo.

  • Haaaaa, gorira! ntimukwije mumitwe mwamburakimazi mwe, mubura kurondera ivyobatunga mwamihimbirimwe ngo nukwiruka kubiro vya ONU.Nkurunziza Petero nuturwi twiwe tumufasha kwica, barabahenda. mbegivyo harico bishobora kuhindura ngonuko mwiriwe muraririra imisozi ? umwe niwe yavuze gwi bwa iyo yasaze rwifata imisozi igatagura kubweja namwe mwabakeha bwenge niko mwabaye. iyo muba mwarimukwije mumitwe mwarikureka kwica nico vyogize icobihindura, muribigugu peeee!.

  • Nibafatir Ibihano Abo Nyn Babikora Ariko Ntibafa Nibiduhitana Twebw Bato Bato Kugira Nitubabar Kabiri.(kwicwa,ninzara)

  • hubwo nukubeshere igihugu cacu igihugu cu burundi kiratekanye nibareke kubesha

  • Jewe Ico Niyumvira N’uko Abarundi Twese Dufatanye Mu Nda .Nta Muhutu ,nta Mututsi,nta Mutwa Mbese N’abaganwa ,twese Turasangira Akabisi N’agahiye .Ico Cegeranyo Ca Onu Naco Abarundi Twese Twaraciyamirije Kandi Ntituzotezura Hariho Akaririmbo Gakunda Kundyohera Kavuga Ngo Abazungu Nabo Bati Mbe Ni Ka Gahugu Oya S’agahugu N’igihugu Cifashe M’ Ubumwe N’ibikorwa Be N’amajambere Sagamba Burundi . Bari Bazi Ko Ari Agahugu Gato Cane Mugabo Siko Babisanze Basanze Ari Igihugu Cifashe .Nibasume Barenga .Kumwe Na Kizigenza Wacu Umukuru W’igihugu Cacu C’uburundi Umukama Nabandanye Amuhangaza, Abandanye Ahezagira Uburundi N’ababubamwo Bose .

  • Imana Niyonkuru Izobikora Iryo Niteramboba Uburundi Buratekanye

  • Imana Niyonkuru Izobikora Iryo Niteramboba Uburundi Buratekanye

  • Biratubabaza twebwe abarundi iyo tubona ivyegeranyo nkivyo turibaza ko iyo ONU ikorera akagwi kari kurushi kamenyeye kuriza abarundi no kubahekura arikorero bibukeko amarira ya Ana yavuyemwo Samwel Abarundi barasenga kandi ndaziko itazobaheba

  • Nabandanye Mwene Data Turikumwe Nawe

  • AKO KAGWI KA ONU NUBU TURAKIYAMIRIJE,

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.