IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura : Imyiyerekano y’ugushimira Reta

Bujumbura : Imyiyerekano y’ugushimira Reta

samedi 15 Gitugutu 2016, par Egide NDUWIMANA

Abategetsi b’Uburundi batunganije kuri uwu wa gatandatu imyiyerekano y’ugushigikira Reta y’Uburundi, ku ngingo iheruka gufata yo kwikura mu masezerano y’i Roma ashirah sentare mpuzamakungu mpanavyaha.

Abari muri iyo myiyerekano yabereye mu gisagara ca Bujumbura bamenyesheje ko bafise umunezero w’ugushigikira n’ugukeza Reta y’Uburundi, inama nshingamateka hamwe na nkenguzamateka, bakavuga ko bashimishijwe n’ukubona izo nzego zaremeye na sentare mpuzamakungu mpanavyaha, hamwe nukubona Reta yarahagaritse imigenderanire hamwe n’ugukorera hamwe n’igisata ca ONU kijejwe agateka ka zina muntu mu Burundi.

Inama nshingamateka na nkenguzamateka z’Uburundi ziheruka kwemeza ku bwinshi ko Uburundi bwova muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha. Iyo ngingo yafashwe inyuma y’aho Uburundi bumenyeshereje kandi ko buhagaritse imigenderanire n’igisata ca ONU kijejwe agateka ka zina muntu cagirijwe ko cagize uruhara mu cegeranyo giheruka gusohoka ku Burundi, muri Reta bakavuga ico cegeranyo cuzuyemwo ibinyoma.


IGIHE

Messages

  • Izomburakimazi.Rabe ahakenewe ko mwiyerekana: Cibitoke : effectif pléthorique dans les salles de classe

  • EHIZOMBWA NANI!!ZIYEREKANA KURINDE ATARI KWA NYAKUBAMA PETER MWISHWA WA SATANI?

  • Abarundi baramaze gufatwa dusigaye twemera tugashigikira inkozi zibibi bariko birikingira mukonona
    Haaaa!!!ntiturye ngo dusinzire kuko Imana ntikunda ababeshi hamwe nabakorera inabi benewabo.Yezu azoza yashavuye kuberivyo nimutihana.

  • barakenye amafoto akwiye jewembona iyofoto yaribabereyo barikubaha nizobambara kumatwi

  • Iyo mihimbiri itagirico yokora ngonukwirirwa barasara mumabarabara ngo bari muvyiyerekano ! unomusi mwamihimbiri komwiriwe murika mutahanye angahe babahaye ngomuze gusumira abagore banyu ? murabo mbona barimukwiruka mumabarabara koharimwo abonzi, abana babo barihafi gupfa ninzara! ubunda nabwo umengo nu bwigikere. uwundi niwe yaciyumugani rwi bwa mugusara rwirimba, namwe nuko ,rekatubirindire ndazi murimwebwe harimwo abazorwara pararize, cenke ihahamuka.

  • None gayemwe abazungu ntibarabona ko barangamij igiti kiturirwa?yemw bazungu nickel irabakurako agashambara izo njabyi ngo ni cnared yarabahenz ngo reta yuburundi ngo nabantu barikurushi barababeshe mgo igihugu ntikigira abakirwanira bibagira indarangavye ziri centrafrique somalia darfour nahand muimihinngo yisi bazungu mumenye abobatutsi muvuga ko ari nkehwa twubatse urunani rwintamenwa tuzobarwaniriza hamwe ntimuzomenya ikibakuse niharambe Nyakubahwa Petero Nkurunziza umugabo wijunja nijambo intakangwa murakoze.

  • U Burundi nigihugu Imana yaheza giye kandi izokwama ibufasha ntitwame tuzeye inze ntamuzungu akunda uburundi kurusha benebwo nubwo hakiri bansumirinda bakibihekako

  • Ja ku mirimo yanyu mwe ntimubona ko muri abantu bato mu mitwe?iyo myiyekano mwibaza ko izobashikana he?umve mbabwire ni musenge ntimuje mu mosha mabi mwoye gutsitazwa n’inyosha mbi zibabuza kwibera mu mahoro.

  • Haaaaa mubure kuja murima ngo muririrwa mu mihanda mwarasaze gusa hasigaye kwiruka mwambaye ubusa

  • Karorero warasaze gusa

  • Raba nkico kigore kirimbere kikoreye umutwe wa shitani

  • imburakimazi. com , mbega aho babahenda jewe kpo nama nabajije nti abana ba bategetsi barihe ? BOSE BIBEREYE ZA BURAYI NA AMERICA NAMWE MURIKO MUCA IKIYERI KIMWE KANDI NICO MUZOTAHIRA. MUBURA KUJA GUKORA IMIRIMO ITANDUKANYE NAYO ABO BAZUNGU MURIRIMBA BARABASIZE KURE MUZOKWAMA MURI NIYUMA YABO, IBWO BUTUNZI ABO BABATUMA KUJA MWIBARABARA BAFISE VYAVUYE MUMINWE YABO SI MFASHANYO ABAZUNGU BABAHA MUGAKUBITIRA MUMIFUKO YABO NONE UBU BARIKO BABATUMA KWIKINA AMATAVU MWIBARABARA MWICWA NIZUBA NABO INZOGA ZUBWOKO BWOSE BAKURANWA KUMUNWA I RESTAURANT NZIZA BINJIRAMWO NAMWE MUGAPFA MWIYANIKIRIRA KUZUBA VA IBIZIMU MUJE IBUNTU MWABIROFA.!!!!!!1

  • Birumvikana guhagarika iyo migenderanire none ko barenze kumasezerano, bagasohora rapport y’ibinyoma!

  • Ubu hoboneka uwubavundereza amasoro nkuko mwirirwa muyavundereza abandi ntugere Ngo mwokwirirwa mwanikiye iyo myinyo mwibarabara nkuko ahubwo muba mwabuze ico mukora ahubwo iyo sentare nigire vuba nyabuna itangura kubacakira ihereye kurako gahanga kuwo munywarumogi no Ni nkurumbi ico kivume yirirwa ahekura uburundi na barundi

  • @ Nora Shekka, ivyowaribagiwe kubibwira bamwe barungika abantunibirwanisho gutera muntara ya Cibitoke bomuntara ya Kayanza (murore) nabamwe batera amakambi yagisirikere cu Burundi.
    Nayo abontamutekano bahungabanije nabobana babategetsi sinzi abushaka kubonamwo kuko nabo harimwo jewe wombaza kuko twarikumwe nabo.
    Ngira wavuze abana ba Domitien Ndayizeye, naba BUYOYA Petero, pacifique Nininahazwe, Petero Mbonimpa, Alexis Sinduhije, Niyombare, Rugurinka, ego abanababobantu ntabonabonye.

  • Ndabaramukije mwese mukundagusoma ivyandiye ngaha nokwandika, jewe burya ndakunda gusoma ivyanditse ngaha ariko sinkunze kwandika.
    Kubwivyorero nkukombansoma ivyandikwa nabantu batandukanye nakomeje guterwa ubwoba keshi nibintu vyandikwa nuyumuntu yitwa Tari bikantera kwibazako arumuntu ababantu hameze nkomumakambi yimpunzi canke ahantu hazabantu bahababatse kubwivyo vyatumwe nifashisha abahinga kuhiramenye vyukuri uyumuntu yiyita Tari ahaba none twagizeguti dusanga i code yigihugu abamwo nigihugu cifashe.
    Muravye ivyo avugiyengaha vyonyene biteye umubabaro kandi ntiwokekeranya ko yarishikikiye nabamwe batera ama grenade abantu barikobaridandariza abandibagura udutomate Bujumbura, none kwaha avuze nguwovundereza amasasu murababantu nigikingaha bononye? None abasutsemwo abasasu yocaronka iki? Barihenda yavyaye urubu, kandi gatwengwa nkakeza mumisi tuzobabwira igihugu abamwo.

  • Aho Mwavuyemwo Kugira Nti Muzokurikiramwe Kuvyomwakoze?Mama Mbere Tutabahekenye Amavya Werindira Bihinduke.

  • Abarundi birirwa mu mihanda aho gukora twebwe hano mu Rwanda turakomeje gutera imbere ubu ejo Mardi Umwami wa Maroc arasura u Rwanda,Strong Rwanda

  • Iyongingo Reta Yafashe Yokwikura Kuri Onu Sio Kuko Onu NiYo Gahuzamiryango Kwisiyose Nonerero Ko Uburundi Bufashe Iyongingo Inkurikizi Zo Ntizizobura Kuburundi. Reta Yo Izobe Ira Biraba.

  • Iyongingo Reta Yafashe Yokwikura Kuri Onu Sio Kuko Onu NiYo Gahuzamiryango Kwisiyose Nonerero Ko Uburundi Bufashe Iyongingo Inkurikizi Zo Ntizizobura Kuburundi. Reta Yo Izobe Ira Biraba.

  • Ibitutsi mbonye bivuzwe kur’iyi nkuru binyeretse ko abakozi ba Shetani babajwe n’uko Uburundi bwihagazeko. N’ikimenyetso kitabesha ko tuzoteba tukagaragara imbere y’amahanga nk’icibare c’Imana koko. Inyankaburundi zizotsindwa. None abo banyarwanda batwivangamwo kuber’iki? Jewe mbona ko comments zabo zari zikwiye gufutwa.

  • @ FELIX MUHIRE

    Iyo uvuga ngo comments z’ abanyarwanda bazisibe uba ugaragaje ko udashaka kumva ibitekerezo bitandukanye, cyane ko uba udashaka kumva ukuri. Abanyarwanda bandika ku igihe.com bafite uburenganzira bwo gutanga ibitekerezo byabo cyane iyo mwebwe Abarundi mutangiye gutuka Presida wacu. Ibibazo u Burundi bufite ntabwo muzabibonera umuti ( lasting political solution) igihe mugitekereza uko. Ni mufunguka mu mutwe mukemera ko ibibazo byanyu bidaterwa nu Rwanda, France, Belgium cyangwa UN muzaba muri munzira nziza. Nibikomeza uko mwifata igisubizo ku bibazo mufite nkizaba kiri kure nku kwezi.

  • abandika ibintubibi usanga arabahunze bakoze ibibi b.ene abo ntibipfuza amahoro bama bipfuza uwobafasha gukora nabi gukokeza gutoneka. imitima y.abantu???ariko ibi ntibisumba ivyo. twakabonye ICO nohanura. kinda uburundi bwanyu

  • komumushimira yakoze iki?urazi abantu yatugandaguriye!!!!hama ngo mushime.sha namwebw uwobaraba yo sanga mubicanyi murimwo.

  • a babantu bacyoza
    nkuk n,abantu bahunze
    kubwubugizi bwanabi bakoze
    sha muvuge make nuk indongoz ibazwa vyose
    abicwa ntibariko bicwa na Leta

  • ariko rero nimba dukunda imana dusabe iduhe nogukunda abo yaremye mbega uburundi bubuze amahoro burya urwanda rwoba ruyafise urwanda ruyabuze uburundi bwoba buyafise iyisi twayihawengo tuyibeko twese imbere yimana twese turangana rero abantu twisubireko murakoze.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.