Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura : Imyiyerekano y’ukwiyamiriza ubumwe bwa Buraya
Bujumbura : Imyiyerekano y’ukwiyamiriza ubumwe bwa Buraya
samedi 28 Nzero 2017, par
Imyiyerekano y’ukwiyamiriza icegeranyo ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya riheruka gusohora ku Burundi yatunganijwe mu gisagara ca Bujumbura hamwe no mu gihugu cose kuri uwu wa gatandatu.
Mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bamenyesheje ko abantu isinzi aribo bari bitavye iyo myiyerekano y’ukwiyamiriza ivyashikirijwe n’ubumwe bwa Buraya, ko agateka ka zina muntu katubahirijwe mu Burundi, kandi ko ata mutekano uhari mu gihugu c’Uburundi.

Muri ubwo bushikiranganji bakavuga ko ico ari ikinyoma ata kindi kigamije atari ugucapfuza isanamu y’igihugu c’Uburundi.
Tubibutse ko inama nshingamateka y’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya isaba irekurwa bidatevye kandi atabibanje gusabwa ry’abantu bose bapfunzwe kubera ivyiyumviro vyabo vya politike.
Yisunze uko ibintu vyifashe mu Burundi, inama nshingamateka y’Ubumwe bwa Buraya yibutsa abarongozi b’Uburundi kwubahiriza no gukingira agateka ka zina muntu.

Inama nshingamateka y’Ubumwe bwa Buraya isaba kandi ibihugu bigize ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya kwongereza utwigoro twavyo mu gushigikira n’ugukingira abaharanira agateka ka zina muntu n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike.
Reta y’Uburundi imenyesha ko inama nshingamateka y’Ubumwe bwa Buraya yafashe ingingo kw’igenekerezo rya 19 Nzero umwaka wa 2017, yisunze ibinyoma.
Mw’itangazo ryashikirijwe n’umuvugizi akaba n’umunyamabanga wa Reta, Firipo NZOBONARIBA, Reta y’Uburundi imenyesha ko ingingo y’inama nshingamateka ya Buraya ihonyanga ingingo z’inama nkenguzamateka na nshingamateka z’Uburundi.
Muri iryo tangazo, Reta y’Uburundi imenyesha kandi ko ingingo y’inama nshingamateka ya Buraya ikengera ubwigenge bw’abanyagihugu kuko aribo bitoreye inama nshingamateka na nkenguzamateka vy’Uburundi.
Umuvugizi wa Reta abicishije muri iryo tangazo, avuga ko Reta itangazwa n’ingene inama nshingamateka isohora itangazo risa n’iryashikirijwe n’ishirahamwe Human Right Watch inyuma y’umunsi umwe gusa, kandi Human Right Watch yagumye isohora ivyegeranyo vy’ibinyoma kuva imbere y’umwaka wa 2015.




IGIHE
Messages
28 Nzero 2017, 15:51, par Adolphe Nshimirimana
Murateye ikigongwe kweli,ahubwo murare mw’ibarabara,Union Europeene ibandanye ifyonda DD gushika naho
28 Nzero 2017, 16:02, par Adama Barrow
Ko mwibagiwe kwiyamiriza u Bubiligi n’u Rwanda?mubandanye muyerera ngo muriyamirimiriza Union Europeene, hhaahh
28 Nzero 2017, 17:36, par jean
Murica abanyagihugu buri munsi none NGO barababeshera?igihe kizogera uwishe abibazwe
28 Nzero 2017, 17:41, par Lili
Barabuzwa niki kwilirwa mumuhanda ko ntakazi bagira.
28 Nzero 2017, 19:03, par komera
mbe vyarivyo cangwa ntivyarivyo?mbe barashikuza cangwa ntibashikuza?.aruko ntitwobrekura bakaraba atarivyo bakibonera none abarundi ntiduciyubwenge harico botubeshera tukavyemera atarivyo rro nitureke kujamwibarabara.komera
28 Nzero 2017, 21:19, par Folmand
Ici on remarque que Human Right Watch est un outil forge par ces europeens de l’UE pour continuer et renforcer leur politique de domination en Afrique. Le peuple africain en general et burundais en particulier a deja decouvert et compris leur jeu de petits enfants.
28 Nzero 2017, 21:52, par CAUDE
None Uwo Yasohoyê Iryo Tangazo Ntiyabona Ingene Muburuni Bimez Emwe I ryoshishirahamwe Rya buraya Riracafash Ingingo Zibinyoma Pe---’-
28 Nzero 2017, 21:53, par Lili
Barabuzwa niki kwilirwa mumuhanda ko ntakazi bagira.
29 Nzero 2017, 08:04, par Athanas
What is this?nn ubwo agakomye kose nimwibarabara?kumengo abategetsi mufise ubwoba?amahoro muvuga n’ayahe?
29 Nzero 2017, 08:35, par Mob
Abarundi murateye ikigongwe,mwaragowe
29 Nzero 2017, 23:18, par Hutsi
@CAUDE, uwoyasohoye iryotangazo abobanya Bulaya bakorerako ntaho ataniye numwe yafata amabi hakorewe muri Nijeria nintagondwa akabihindura akavyita kwaribikorerwa Burundi muntara ya Karuzi, nukuvuga biriya iyo abahinga batigora bagakora research bakabona iyovyazanaye, nunomusi vyarikuguma vyitwako aramabi yakorewe muburundi muntara ya Karuzi.
Niyimpamvu tutazigera tunuma iyobakoneje kutwambika ibara tutakoze tuzojamwibarabara mpaka kugeza igihe Yesu azogarukira ndabarahiye, abandinabo bavugango nimpaka twese duheze ivyovyose mubifate nkankama.
Noneho kubera Yesu arinyishu twamazekumenyako hariho abazungu babanya Buraya bariko barabwira indongozi zaboko nibakomeza kwifata nkukobifata mwikigihe kuburundi konabo bagomba kuja mwibarabara kubiyamiriza ngocanke burigihugu ukwokigiye munatira umukandida azoza aravugako bakwiye kuva muvyubumwe bwa Bulaya abariwe bazocabaza barakora.
Ntimugire ndabahenda igituma arivyo mumisi ubulaya harivyo bugomba gutangura kwubahiriza bisabwa nu Burundi, ivyobazobikora kugira bahumwe amaso abanya Bulaya kugira ntibaje mwibarabara kwiyamiriza amabi ubumwe bwaburaya bukomeje gukorera uburundi.
30 Nzero 2017, 07:29, par Warumonge
Twentabwo Kwiyamirija Imihimbiri Abasuma,abambuji Tubiyamirije Kabisa
1er Ruhuhuma 2017, 02:24, par Nowera Nimbona
Ivyobihugu mwiyamiriza!, ndavyita kumaramara ukumaramara kumugabo nuko amaramara. Abobazungu ntibitevye kabiri kuzokwiruka kubambambira mubatega amashi!,nakare mwarimusazwe muri bamayibobo bogutega amashi abazungu. Murabo bose bagiye mwibarabara,beshi bafatwa kunguvu nigiporisi bagatwagwa mwibarabara, naje iyontinyegeza narigutwarwa kunguvu.