IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura : Imyiyerekano y’ukwiyamiriza ibiganiro biriko bibera i (...)

Bujumbura : Imyiyerekano y’ukwiyamiriza ibiganiro biriko bibera i Arusha

samedi 18 Ruhuhuma 2017, par Egide NDUWIMANA

Amashirahamwe indwi avuga ko adaharanira ivyicaro vya poritike yatunganije kuri uwu wa gatandatu imyiterekano yo kwiyamiriza ibiganiro bihuza Abarundi biriko bibera i Arusha. Muri iyo myiyerekano, ayo mashirahamwe yasavye Reta kutazokwemera ibizova muri ivyo biganiro, hamwe n’ugusaba ihagarikwa rya bamwe mu banyeporitike batavuga rumwe n’ubutegetsi batumiwe.

Ayo mashirahamwe yatunganije iyo myiyerekano ni ONELOP, MAC, NAD, ACOPA, Izere Ntiwihebure, ABA, hamwe na FOLUCON.F. Batanguriye mw’ibarabara ryitiriwe uwa 28 Munyonyo, gushika ku kibanza citiriwe ukwikukira mu gisagara ca Bujumbura. Abanyagihugu benshi bagizwe n’abunguruza abantu ku makinga, ku mapikipiki hamwe na "Tuktuk" bari bitavye iyo myiyerekano, bacunzwe bikomeye n’abajejwe umutekano.

Abari mu myiyerekano bari bitwaje ivyapa vyanditsweko amajambo y’ugusaba Reta ko yobandanya ibiganiro n’abanyeporitike batagira ivyo bagirizwa, kwiyamiriza itumirwa ry’abagirizwa kugerageza gutembagaza ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA. Kuri ivyo vyapa, basavye mbere Reta gukora ibishoboka vyose kugira abantu 34 baronderwa n’ubutungane bw’Uburundi bahagarikwe, bashikirizwe n’inzego zibijejwe. Abo bari mu myiyerekano bavuze n’amazina y’abari i Arusha bohagarikwa, abo nabo akaba ari : Alexis SINDUHIJE, Jean MINANI, Major Bernard BUSOKOZA, Pacifique NININAHAZWE, Onesime NDUWIMANA, Piyo NTAVYOHANYUMA, Gerevasi RUFYIKIRI, hamwe na Major Pierre BUYOYA.

Aimé Pascal NDUWIMANA, umukuru w’ishirahamwe MAC (Ministere Africain pour la Compassion) niwe yafashe ijambo, aho yashimiye abitavye iyo myiyerekano. Ijambo nyamukuru ryashikirijwe na NJANGWA Gilbert Becaud, umukuru w’ishirahamwe ONELOP, nawe nyene akaba yagarutse kugusaba ko Reta itokwemera ibizova mu biganiro vyatiwemwo "abagerageje gutembagaza ubutegetsi."

Ibiganiro bihuza Abarundi biabandanya i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya, bikaba bizosozerwa kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 18 Ruhuhuma 2017.


IGIHE

Messages

  • Nibyo mukomereze aho imyigaragabyo igira umusaruro nabonye i Rwanda twagiye tuyikora Kandi ibyo dusaba bigakunda.

  • I Arusha hagiye gushingwa leta yemewe n’amakungu irongowe na Buyoya Petero aba DD musigare mwirebanga. Muzotahira iyo mwiyerekano ya buri ndwi. Mugiye gusubira iyo mwaje muva, mw’ishamba bidatevye.

  • ce que nous voyons c’est la guerre entre la constitution et l’accord d’arusha.
    A vrai dire l’accord d’arusha n’a pas d’inportance.
    cet accord devrait etre insirrer dans la constitution
    l’accord d’arusha ne devrait pas etre utiliser par les minorites pour etre les majority.
    Tot ou tard cette accord va etre detruit par le peuple.
    Seul la constitution qui bien sur protege les minorities et la democratie avec un referundum du peuple peut etre accepter et statble
    on ne veut plus un accord d’arusha faible ou affaiblissant la constitution.
    on ne peut plus un accord d’arusha que le belge ou n’importe aura a tjrs utiliser pour y retourner a chaque fois que il ya un petit problem.

  • Arikubwo ntimugiye kuzopfira mu mabarabara mwatewe na ndwara ki?

  • iyo niyo ngaruka yo gupfuvya coup d’état.uganira n.uwo mudafitaniye ingorane?leta ikeneye "MOTIVATION!"

  • Ntabwo ar imyiyerekano n’ikinamico ry’abansumirinda bemera guhekenyerwa mu kanwa ngo bakunde babe ba "mpamuke ndamuke"

  • Ariko abarundi mugeze habi kabisa nukwirirwa mu myigaragambyo mutukukana ubundi mukanywa amabyeri nta kindi mushoboye. Ubu muvuye ku Rwanda mwadukiriye Tanzania. Aka Ni akumiro mba ndoga Ruganzu. Abaturanyi bose murabipakuruye murabura kubaka igihugu cyanyu mu kwirirwa mutukanira muri uwo mujyi wuzuyemo umwanda mudakubura. Ndabarahiye nzaba mbabona.

  • Shem,murateye isoni pe!!mbega intwaro y’abanyacaro wee!!ko ntarumva hemererwa abiyerekana bahakana iduzwa ry:ibiciro vy’imfungurwa n’amakori atazwi atozwa na reta??nako ni DD gusa yemerewe kubaho I Burundi!!5000 Frs.bu kuwaje wese mumyiyerekano yo gushora agahanga NGO babone uko batunga ingo zabo zishwe na kigoyi,ninde atabizi??igihe mwitwa aba assayants ninde yiyambuye agahuzu kukabarore nko ntimwumvirizwe u arusha iguhe mwitwa inyeshamba??DD#fools

  • Mwabuze ibindi mukora mwirirwa muma barabara hahaha

  • ewe nkurumbi ugeze aho umwansi ashaka

  • Mwakoze Kuntumira Nejo Muzontumire Ko Mwanyihereye Aka Dix Mille.

  • REKA GUTA UMWANYA NASHIMA KO MURABAGABO MUKIYEREKANA KUGIRA AMAKORI AGABANYWE NIBIFUNGURWA REKA GUTA UMWANYA NASHIMA KO MURABAGABO MUKIYEREKANA KUGIRA AMAKORI AGABANYWE NIBIFUNGURWA BIZIMBUKE

  • Ubwo bushirahamwe burongowe nabirirwa baraja gukomba amasahani kwa Nkurunziza ubwo uwoba pima yosanga bakwije koko?, Jewe ndavyita kwarihahamuka, iyumuntu yamaze kurwara ihamuka nivyakora usanga arivyumurwayi koko! abo bitwa banjagwa izina niryo mutu!, ubwobugabo nabwo ntibworeka kuja mwibarabara utarigiyemwo niwo musi worara usezeye isi. Abomusaba ngo bafatwe ntamusi numwe bazofatwa kubwo mubisavye, iyo nindoto kurimwebwe!, ukwonakwo kwokwirirwa mumabarabara ninkugusarana imvi kumutwe. Hamwe ivyobiganiro bitobaho vyabo mwanka isi izorindisaza muburundi atamahoro abonetse, ivyo ndabivuze nejo nzobisubira kubivuga.

  • Mbega aba rwanda muvyukuri bimvanga muvyuburundi bashaka iki tweho iwacu turamvuga mbega nabo? Ni bareke ivyabarundi novyabo

  • Ariko ntimuzicwa ninzara kwirirwa mu mihanda burimunsi bitanga musaruro ki? Nihatari mba ndoga musings!

  • Murakwiye Kwicarana Mukaheberanira Kuko Na Yesu Yaragiriye Ikingogwe Baba Soda Bamucumita Icumu Murubavu.

  • U Burundi butwawe nabi kweli,aho guhimiriza abanyagihugu kwiteza imbere babigisha kuyerera ngo bariyamiriza ibi n’ibi, DD muzopfa muyerera nka Gahini

  • Mbega yemwe abarundi tuzoruhuka dute? Ariko Ku rundi ruhande ndashimira amashirahamwe nkayo aza aribuka abanyagihugu bageze ahatemba akabaha udufaranga dukeya twokwikenura hiyo bitavye imyiyerekano yayo. Igikwiye gutohozwa gusa ni iyo Ayo mashirahamwe akura Ayo mafaranga yo kuriha abitavye imyiyerekano yabo. kuko hategerezwa kuna hariho ukuboko kuri inyuma yabo kandi ubwo ni ubundi buryo bwo gusesagura itunga ry’igihugu kuko utwo dufaranga twaridukwiye gushikira na turi ni misozi kuko natwe dukenye. Mbe burya ntabari bafise imitahe ibahagarika igihe haba ibiganiro hagasinywa nayo masezerano nyene bavuga ko ataco amaz ubu. None ishirahamwe ryovuga ko ridaharanira ivyicaro vya politique hanyuma rikiyamiriza ibiganiro??!! Ryoshigikira igihushane cibiganiro rero. Turakwiy kwibuka ko intambara ataco zivamwo. Mugabo mayina nivyo none twebwe abasoda ko aritwe turungikwa kugwana akaba aritwe duhona tukazosubirizwa n’abandi abdutumye kurwana nabo biberey ahacunzwe!!!!!!!!!!!!!!!!!

  • Mbega yemwe abarundi tuzoruhuka dute? Ariko Ku rundi ruhande ndashimira amashirahamwe nkayo aza aribuka abanyagihugu bageze ahatemba akabaha udufaranga dukeya twokwikenura hiyo bitavye imyiyerekano yayo. Igikwiye gutohozwa gusa ni iyo Ayo mashirahamwe akura Ayo mafaranga yo kuriha abitavye imyiyerekano yabo. kuko hategerezwa kuna hariho ukuboko kuri inyuma yabo kandi ubwo ni ubundi buryo bwo gusesagura itunga ry’igihugu kuko utwo dufaranga twaridukwiye gushikira na turi ni misozi kuko natwe dukenye. Mbe burya ntabari bafise imitahe ibahagarika igihe haba ibiganiro hagasinywa nayo masezerano nyene bavuga ko ataco amaz ubu. None ishirahamwe ryovuga ko ridaharanira ivyicaro vya politique hanyuma rikiyamiriza ibiganiro??!! Ryoshigikira igihushane cibiganiro rero. Turakwiy kwibuka ko intambara ataco zivamwo. Mugabo mayina nivyo none twebwe abasoda ko aritwe turungikwa kugwana akaba aritwe duhona tukazosubirizwa n’abandi abdutumye kurwana nabo biberey ahacunzwe!!!!!!!!!!!!!!!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.