IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura : Imyiyerekano y’ugushigikira inzego zatowe mu 2015

Bujumbura : Imyiyerekano y’ugushigikira inzego zatowe mu 2015

dimanche 5 Ntwarante 2017, par Egide NDUWIMANA

Imyiyerekano yari yateguwe kuri uwu wa gatandatu n’ihuriro ry’urwaruka, CNJB (Conseil National de la Jeunesse au Burundi), yabaye mu gisagara ca Bujumbura. Iyo myiyerekano yari iyo gushigikira inzego zatowe mu mwaka w’2015, nk’uko abari bateguye iyo myiyerekano bamenyesheje.

Mu nzandiko bari bitwaje, bamenyesheje ko biyamiriza abashatse gutembagaza ubutegetsi, basaba ko bwakwiye gufatwa bagashikirizwa ubutungane, bakibutsa kandi ko "ingero y’uwushatse gutembagaza ubutegetsi ari urupfu, ugupfungwa canke kwangara."

Abari muri iyo myiyerekano bashikirije kandi ko bashigikiye uburongozi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, bamusaba ko yobandanya kuyobora Uburundi gushika mu busaza bwiwe.

Bariyamirije kandi Jamal BENOMAR, intumwa idasanzwe ya ONU mu Burundi, bakamwagiriza ko aguma atumirwa mu biganiro bihuza Abarundi i Arusha kandi Reta y’Uburundi yaramaze gusaba ko yosubirizwa. N’umuhuza Benjamin William MKAPA baramwiyamirije, bamwagiriza ko ashaka ko hajaho intwaro mfatakibanza.

Nk’uko vyari biri mw’itangazo ry’ubutumire ryari ryasohowe n’ihuriro CNJB, abari batumiwe muri iyo myiyerekano yari urwaruka ruhurikiye mu migambwe itandukanye, mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, hamwe n’abo mu mashengero. Ariko abenshi babonetse akaba ari ubunguruza abantu bakoresheje amakinga, hamwe amapikipiki.

Abari mu myiyerekano basavye Reta y’Uburundi ko yoshiraho vyihuta umurwi ujejwe guhinyanyura ibwirizwa shingiro, wisunze ivyavuye mu biganiro vy’abarundi, yaba ivyabereye mu gihugu hagati canke hanze y’igihugu.


IGIHE

Messages

  • Abarundi mugeze habi inzara kigoyi murabura gukora mukirirwa mu mihanda musakuza mutuka umuhisi numugenzi. Ubu koko muhisemo kugaburirwa nabashinwa? Iki gihugu cyari kiyubashye none reba uburyo cyangiritse

  • Abarundi n’uburundi nibakomere kumuheto bahangane numwanzi. Umwanzi afite amayeri menshi kandi umurinzi wa Bakame ntahumbye. Mukomere mube maso barundi barundikazi kandi twebwe abanyarwanda 100% turabashyigikiye. Niba namwe mwagize Imana mubona President mwiza Nkurunziza. Twebwe hano mu Rwanda tuyoborwa na Inkoramaraso icyihebe Kagame nitwe tuzarota Imana imudukijije

  • yewe yewe mutukishij’afrika,n’uko interahamwe zirirwaga mu mihanda no mu mihana zic’abaturage ngo n’inyenzi bazibuza zikanga none zabay’amateka zirirwa zangara mw’isi n’ikimwaro kinshi!!namwe niko bizabagendera kuko mwemeye inama za gahini

  • TURABSAVYE BIKUREMWO GUSUBIZA IGIHUGU MUMANGA

  • Nimukomeze mwirigwe mwibarabara Nuko muhimvye hariho uwuriko asengera abashonje kandi vuba bigiye kuja muburyo

  • Muzopfa muyerera ngo muriyamiriza ibi n’ibi,biribonekeza ko izo Mbonerakure za DD bahaze za mfungurwa z’imishwi bahawe naba Chinois

  • Birumvikana Muburundi Umutekano Urakwiye Kandi Turarinzwe.Ariko Rero Iciza Nuguha Abo Mudasangiye Ivyiyumviro Ijambo Bavuga Ikibarikumutima Nibwo Butegetsi Nyakuri.

  • Mbe izo Mbonerakure hamwe na FDLR zizokwama mu mabarabara gushika ryari? Aho kwirirwa kururwo ruzuba kugire zihembwe i kilo c’umuceri sibara!! Mbe niwahera zizoshiriki murizo nyaga zabo ko zituzura!!! Ntizibona ko Sebuja Nkurumbi yishe igihugu akicisha inzara abarundi none asigaye atakambira aba chinois ngo bamuhe buruguru zigaburirwa inyoni!!! Kumbura muje kukivi murime kugire muronke ivyo musakira!!!! Muzopfira mumabarabara😩

  • Nyamba,atari,otan.PeteroNKUNZIZA,azoba,nka,Kadafi,wa,libiya,canke,Sadamusen,wa,irac,babishe,aribazima,aho,on,yavugiye,atumva!!Intabwigwa,ibwigwa,nuko,amaso,atukuye!!

  • Nkawe wiyita ngo PROUD TO BE RWANDA waba ufite mu mutwe hazima 1-uratinyuka ukandika ngo icyakuraho He Paul Kagame !!!! Umva ngusubize Uwamukuraho n’abanyarwanda kuko nibo bamushyizeho kuko ni nabo bamusaba ko yakomeza kubayobora . Kereka niba wumva ko uzabanza ukamaraho abanyarwanda bose ! Kandi nabyo ntiwabishobora . Urukira mukaso rukica nyoko .... Urwifuriza abaturanyi tugahita mu muryango wawe ..... Ahubwo bigaragaye ko wowe wita PROUD TO BE RWANDA uri interahamwe ruharwa ahubwo ababitiye ubuhanga bakurikirane aho uri na phone wakoresheje kuko kuba wiyita n’amazina atabaho nuko uri kwihishahisha . Ukwiye gukurikiranywa aho uri hose kandi ndizera ko mu minsi mike uraba watawe muri yombi . Nsoza nifuriza amahoro kubanyarwanda bose bakunda igihugu basigasira ibyiza byinshi tumaze kugeraho .

  • Nkawe wiyita ngo PROUD TO BE RWANDA waba ufite mu mutwe hazima 1-uratinyuka ukandika ngo icyakuraho He Paul Kagame !!!! Umva ngusubize Uwamukuraho n’abanyarwanda kuko nibo bamushyizeho kuko ni nabo bamusaba ko yakomeza kubayobora . Kereka niba wumva ko uzabanza ukamaraho abanyarwanda bose ! Kandi nabyo ntiwabishobora . Urukira mukaso rukica nyoko .... Urwifuriza abaturanyi tugahita mu muryango wawe ..... Ahubwo bigaragaye ko wowe wita PROUD TO BE RWANDA uri interahamwe ruharwa ahubwo ababitiye ubuhanga bakurikirane aho uri na phone wakoresheje kuko kuba wiyita n’amazina atabaho nuko uri kwihishahisha . Ukwiye gukurikiranywa aho uri hose kandi ndizera ko mu minsi mike uraba watawe muri yombi . Nsoza nifuriza amahoro kubanyarwanda bose bakunda igihugu basigasira ibyiza byinshi tumaze kugeraho .

  • @Runyenzi,erega Interahamwe zimukiye mu Burundi,rero ntagitangaza kirimo,ntiwabonye ingene DD n’Imbonerakure zigira nk’Ivyinterahamwe!

  • Erega njyewe nibera indera mukigo cy’abasazi. Kubera njye nahoze muri FPR ubu narasaze kubera twamariye abahutu kwicumi uhereye za Byumba muri 1990 kugeza nubu. Kagame yaradushutse none tugiye gupfa turi abasazi twese.

  • @cobra rouge(runyenzi !!! ). Murwanda mwishe abahutu benshi abandi murabakona. Gusa muzageza igihe musare mwese.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.