Bujumbura : Inama y’abakuru b’ibigo bitoza amakori muri EAC yatanguye

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 25 Rusama 2017 saa 10:41
Yasomwe : 7479
0 0

Inama igira iya 42 y’abayobozi bakuru b’ibigo bijejwe gutoza amakori n’amatagisi mu gihugu bigize Afrika y’ubuseruko yatanguye kuri uwu wa kane igenekerezo rya 25 Ndamukiza 2017, mu gisagara ca Bujumbura. Iyo nama izomara iminsi ibiri iriko ibera mw’ihoteri "Club du Lac Tanganyika".

Inyuma y’amajambo aza gushikirizwa n’abakuru bose b’ibigo bijejwe gutoza amakori mu bihugu vya Afrika y’ubuseruko, abitavye iyo nama baraza kwemereza hamwe icegeranyo c’ivyavuye mu nama nk’iyo nyene ya 41, hamwe n’ukwigira hamwe ivyegeranyo bitandukanye biza gushikirizwa ku bijanye n’amakori n’amatagisi mu muryango wa Afrika y’ubuseruko.

JPEG - 109.6 ko
Iyo nama yuguruwe n’umuyobozi mukuru w’ikigo kijejwe gutoza amakori n’amatagisi mu Burundi, Audace NIYONZIMA

Kumenyekanisha

1
Nzeyimana 25-05-2017 à 13:58

Birahimbaye cane kubona iyonama iriko ibera mugihugu cacu ni amanota meza kuma kungu ahanze amaso kugihugucacu.Muvyo muriko muriga mararaba ko mwoshiramwo ikibazo ca VISA kuri bose bari muri EAC.Nkuko,Ambassadeur muri Pays-Bas yari yarabisavye;natwe turashigikiye ico cifuzo ciwe.
Imana ibahezagire.

Murakoze

Imana ibahezagire

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha