IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura : Inama y’ibihugu bisangiye ikiyaga Tanyanyika ku migambi (...)

Bujumbura : Inama y’ibihugu bisangiye ikiyaga Tanyanyika ku migambi izofashwa na Banki y’isi yose

mardi 31 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Ayo mafaranga azokoreshwa mu migambi y’uguteza imbere ateze ibijanye n’ugutwara abantu n’ibintu ku kiyaga Tanyanyika, uruja n’uruza rw’abantu n’ibidandazwa ku muhora wo hagati (Corridor central), hamwe n’ugutunganya neza ibivuko, nk’uko bivugwa na Liberat MPFUMUKEKO, umunyamabanga mukuru w’umuryango wa Afrika y’ubuseruko.

JPEG - 93.6 ko
Liberat MPFUMUKEKO, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe rya Afrika y’ubuseruko (hagati)

Muri ayo mafaranga zotangwa na Banki y’isi yose, imiriyoni amajana atanu z’amadorare zizokoreshwa mu migambi y’ugutwara abantu n’ibintu, imiriyoni ijana nazo zikoreshwe muvyo gukingira ibidukikije mu gutunganya neza amazi y’ikiyaga Tanganyika.

Dieudonné DUKUNDANE, umunyamabanga nshingwabikorwa w’umuhora wo hagati (Corridor central) avuga ko muri iyo migambi, ikiyaga Tanganyika kizokingirwa.

"Turakeneye kandi gukingira ikiyaga Tanganyika, aya mazi y’ikiyaga Tanganyika ni amazi dutegerezwa gukingira twese. Iyo migambi tuzokora nta kintu na kimwe tuzokora gihungabanya ibidukikije."

DUKUNDANE Dieudonné amenyesha ko muri aka karere k’ikiyaga Tanganyika, ibiciro vy’ugutwara abantu n’ibintu biciye ki kiyaga bikiri hejuru, agereranije n’ibindi bihugu.

"Twebwe turacariha ibice biri hagati ya 30 na 40 vy’agaciro k’ibidandazwa. Ikidandazwa cawe kigushikirije i Bujumbura canke ahandi, mu mafaranga nk’ijana y’ico kidandazwa, 40 ni ayo uba watanze mu kucunguruza. Vyumvikana ko ibiciro vy’ugutwara abantu n’ibintu bikiri hejuru."

Uwo mugambi ufashwe mu mugongo na Banki y’isi yose uzokorerwa ku kiyaga Tanganyika ugize kabiri, kuko uwa mbere wakorewe ku kiyaga Victoria.

Abaserukira ibihugu bisangiye ikiyaga Tanganyika bazohurira mu nama y’iminsi ibiri izobera i Bujumbura kuva kuri uwu wa kane igenekerezo rya 2 gushika kurya 3 Munyonyo 2017, kugira igihugu kimwe cose gishikirize umugambi waco. Imigambi yihutirwa akaba ari ariyo izofashwa muri ayo mafaranga ya Banki y’isi yose.

Isoko ry’ibihugu bisangiye ikiyaga Tanganyika ririmwo abantu bagera ku miriyoni 50 bo mu bihugu bikurikira : Uburundi, Tanzaniya, Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, hamwe na Zambiya.

Imiriyoni zitatu z’ibidandazwa nizo zinjira mu Burundi ku mwaka, biciye ku muhora wo hagati (Corridor central), ku kiyaga Tanganyika. Dieudonné DUKUNDANE, umunyamabanga nshingwabikorwa w’umuhora wo hagati, atanga umwizero ko iyo migambi imaze gukorwa neza, ivyo biharuro bizokwiyongera, kuko abarwizatunga bazoba boroherejwe, n’ibiciro vy’ibidandazwa bigabanuke.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.