Bujumbura:Umukuru w’igisagara asaba abafise amazu hafi y’amabarabara kuyasiga

Yanditswe na BIKORIMANA Vianney
Kuya 17 juin 2017 saa 09:43
Yasomwe : 7839
0 0

Abantu bafise inyubakwa ziri hafi y’amabarabara makuru mu gisagara ca Bujumbura basabwa kuyasiga yose mu ntumbero yo kwitegurira umusi mukuru wo kwibuka imyaka ugira 55 iheze Uburundi buronse intahe yo kwikukira.

Nkuko biri mw’itangazo umukuru w’igisagara ca Bujumbura yateyeko umukono kw’igenekerezo rya 16 ruheshi 2017 ,Freddy Mbonimpa amenyesha ko mu ntumbero yo kwitegurira guhimbaza imyaka 55 iheze Uburundi bwikukiye, abantu bose bafise inyubakwa hafi y’ibarabara rikuru ko bategerezwa kuzisiga.

Iryo tangazo riheraheza rivuga ko ibihano bitegekanijwe ku muntu wa riwe wese atazoshira mu ngiro iyo ngingo y’umukuru w’igisagara ca Bujumbura.

Uburundi bwaronse intahe yo kwikukira kw’igenekerezo rya 1 mukakaro umwaka w’i 1962


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha