Accueil > Amakuru > u Burundi > Bururi : Imiryango 28 y’abatwa igiye kwigurira itongo ry’ukwubakamwo (...)
Bururi : Imiryango 28 y’abatwa igiye kwigurira itongo ry’ukwubakamwo amazu
mardi 17 Gitugutu 2017, par
Mu gihe kuri uwu wa kabiri Uburundi bwifadikanya n’isi yose mw’ihimbazwa ry’umunsi wahariwe kurwanya ubukene, abatwa babiri NDACAYISABA Christian hamwe NKURIKIYE Odetta bavuga ko ari umunezero udasanzwe kubona uwo munsi ushitse bashobora kuba bafise umwizero ko vuba bagiye kuronka itongo ribegukira.
- NDACAYISABA Christian (i bubamfu) hamwe NKURIKIYE Odetta (i buryo)
Abo batwa babiri bo ku murwa mukuru w’intara ya Bururi bari mu bagera kuri 53 bari mu mugambi PADZOC (Projet d’Aménagement Durable des Zones Caféicores) ufashwe mu mugongo na banki y’isi yose. Muri uwo mugambi, abo batwa bakora ibikorwa vy’ugukingira ibidukikije, amafaranga ibihumbi bine bahembwa ku munsi, bakabikamwo igihumbi n’amajana atanu, ayagera ku bihumbi bibiri n’amajana atanu bakayikenuramwo.
Abo bari mu mice y’abanyagihugu bari baribagiwe bemeza ko ayo mafaranga abafasha mu buzima bwabo bwa minsi yose, mu kwigisha abana babo, hamwe n’ukwitegurira kazoza. Abo batwa bagiye n’ukuronka itongo bagaba.
Jerome NISHISHIKARE ajejwe gutunganya ishamba cimeza rya Bururi, kimwe mu bibanza abo batwa barangurira ibikorwa vy’ugukingira ibidukikije avuga ko abo banyagihugu bageze ku mafaranga imiriyoni 12 baziganije.
"Ayo mafaranga bafise bagiye kuyaguramwo itongo, imbere y’uko ukwezi kw’icumi guhera bazoba bamaze kugura iryo tongo, kugira n’uwoshaka kububakira aronke aho afatira."
N’intara ya Bururi iri muzunguka muri ivyo bikorwa vy’abo batwa vy’ugukingira ibidukikije, nk’uko vyemezwa na Jerome NISHISHIKARE
"Turafise ubutunzi, ibintu vyoshobora gukwega ba mukerarugendo. Ku ruzi Siguvyaye twasanze hariho amasumo meza cane, duca twipfuza kurondera inzira ijayo kugira natwe ejo dukwege ba mukerarugendo baze tuzoje kuhabereka. Ubu rero hariho ukuntu twaciye inzira bariko barasasako amabuye kugira turonke inzira izova kw’ibarabara igashika aho hantu."

Jerome NISHISHIKARE avuga ko uretse iyo migambi y’iterambere, abo batwa bahabwa inyigisho zijanye n’ukubana neza, amategeko agenga amatongo hamwe n’ibindi.
Egide NDUWIMANA