IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bururi : Umukuru w’umutumba akwije iminsi itatu ari mw’ibohero

Bururi : Umukuru w’umutumba akwije iminsi itatu ari mw’ibohero

lundi 17 Ndamukiza 2017, par Egide NDUWIMANA

Emmanuel NIMENYA, umukuru w’umutumba muri Vyanda intara ya Bururi apfungiwe k’igiporisi kuva kuri uwu wa gatandatu, akaba yagirizwa ko ahora aca ibiti mw’ishamba cimeza ryo ku musozi wa kaberenge, ivyo biti bigacanwamwo amakara yaca adandaza.

Uwo mukuru w’umutumba yafashwe hamwe n’uwundi muntu yahora aca ivyo biti abitumwe n’uwo mukuru w’umutumba.

Igiporisi cafashe kandi n’imifuko hafi 70 y’amakara yacanwe muri ivyo biti. Uwo mukuru w’umutumba akagirizwa kandi ko yahora ashora mu kinyegero imbaho zivuye muri ivyo biti.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.