IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bururi : Umukuru w’umutumba yatawe muri yompi

Bururi : Umukuru w’umutumba yatawe muri yompi

samedi 17 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Muri zone Nyagasasa, komine Mugamba, intara ya Bururi, umukuru w’umutumba Mubira yahagaritswe. André Hajayandi afashwe mu matohoza ariko arakorwa ku rupfu rw’abantu babatu bo mu muryang umwe baheruka kwicwa ku munsi wa gatatu w’iyi ndwi iheze.

Abo bantu batatu bo mu muryango umwe bishwe n’umuntu yabateye gerenade abasanze muhira iwabo muri komine Mugamba, intara ya Bururi. Abo bishwe ni nyene urugo, umugore wiwe hamwe n’umwana w’imyaka ibiri. Ubwo bwicanyi bwabaye ku mugoroba wo kuri uwu wa gatatu, abo bantu bose uko ari batatu bakaba baguye mu nzu yabo.

Mu giporisi co muri komine Mugamba bari bamenyesheje ko ubwo bwicanyi bwoba bufitaniye isano n’amatati y’amatongo, ivyo mu giporisi bakabivuga kubera uwo mugabo yishwe ari kumwe n’umuryango wiwe yari asanzwe afise urubanza rw’amatati y’amatongo muri sentare.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.