Buterere : Umugabo w’imyaka 45 yafashwe ariko ashurashuza abana b’abahungu babiri

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 5 Myandagaro 2017 saa 02:30
Yasomwe : 22266
0 0

Umugabo azwi kw’izina rya Honoré w’imyaka 45 aba muri zone ya Buterere mu gisagara ca Bujumbura yafashwe mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatanu, nk’igihe c’isaha zitanu z’ijoro, ariko ashurashuza abana b’abahungu babiri. Umwe muri abo bana afise imyaka 11, uwundi imyaka 13.

Ayo makuru yemezwa n’igiporisi avuga ko uwo mugabo yafashwe ariko ashurashuza abo bana b’abahungu ari mu minwe y’inyamiramabi, kugira ashikirizwe ubutungane.

Uwundi mwigeme yafashwe ku nguvu

Ayandi makuru atangwa n’igiporisi avuga umwigeme azwi kw’izina rya SIBOMANA Venansiya w’imyaka 16 aba muri komine Tangara mu ntara ya Ngozi yafashwe ku nguvu ku muhingamo wo kuri uwu wa gatanu n’umusore azwi kw’izina rya NDAYISENGA Jérôme w’imyaka 27.

Mu giporisi mu ntara ya Ngozi bavuga ko uwo mwigeme yafashwe ku nguvu ariko avurirwa ku bitaro vy’i Kiremba, uwagirizwa ico caha nawe akaba apfungiwe mu gasho k’igiporisi muri komine Tangara.


Kumenyekanisha

1
Kiiza 10-08-2017 à 10:01

Uwo mugabo w’imbwa, bamuce ako gapira ke, n’ubundi ntacyo amaze.

Abo bana n’abo, ntibasanzwe kandi nabo bakuriye mukabi. Ntabwo byunvikana ko abana bafite iyo myaka, bemera gushukwa bigeze aho, kereka niba Police hari ibyo itadusobanuriye.

Ako kagabo n’imbwa cyane, kandi bagakubite intahe ku mabya, canke mugahanga, ariko bagakubite aho kababara cyane.

2
niyongabo 5-08-2017 à 19:38

ABAGABO NKABO NUKUBAHANA BIMWE BIBONEKA KUKO NUGUTITURA IMICO N’AKARANGA KIGIHUGU BAGASHAKA KUZANA IMICO YA BAZUNGU.UBUTUNGANE RERO NIBUKORE AKAZI KABWA ATAKAMWANA WAMAMA NAMPINGA YANJE

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha