IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > CENI isaba ubushikiranganji bw’abakozi gusubiza mu kazi abafashije mu mirwi (...)

CENI isaba ubushikiranganji bw’abakozi gusubiza mu kazi abafashije mu mirwi CEPI na CECI

mercredi 20 juin 2018

Abo basabiwe gusubizwa mu kazi ka reta, ni abakozi ba Reta bo mu isata bitandukanye bari bashizwe mu mirwi itegura amatora mu ntara CEPI no mu makomine CECI, mu gihe co gutegura amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro yo kuwa 17 Rusama 2018.

Nk’uko biri mw’ikete umurwi utegura amatora CENI wandikiye umushikiranganji w’abakozi ba Reta n’akazi, uwo murwi umenyesha ko abo bakozi ba Reta bari bafise ikiringo c’amezi atanu co gukorera mu mirwi CEPI na CECI.

Kw’igenekerezo rya 15 Ruhuhuma 2018, umurwi CENI wari wandikiye ubushikiranganji bw’abakozi ba Reta n’akazi, ubusaba ko worekura abakozi babwo bakaja gufasha mu mirwi itegura amatora mu ntara n’amakomine.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.