IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > CNC isaba inzego za Reta gufasha mw’ishirwaho ry’ikigega giteza imbere umwuga (...)

CNC isaba inzego za Reta gufasha mw’ishirwaho ry’ikigega giteza imbere umwuga wo kumenyesha amakuru

mardi 14 novembre 2017

KARENGA Ramadhan avuga ko biri mu mategeko ko amafaranga yo gufasha iterambere ry’abanyamakuru ava mu kigega ca Reta, kandi ko ari uruhara rwa Reta gushiraho ikigega kigenewe gufasha ibinyamakuru.

Umukuru w’ikigo CNC amenyesha kandi ko abanyagihugu babicishije mu bamenyeshamakuru, gusaba Reta ko ihimiriza abafasha igihugu mu bindi bisata, gufasha kandi mu gisata co kumenyesha amakuru.

KARENGA Ramadhan ntiyibagiye kandi no kwerekana uruhara rw’ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta ku ruhara bufise mu guteza imbere umwuga wo kumenyesha amakuru.

JPEG - 186.3 ko
KARENGA Ramadhan, umukuru w’urwego CNC

‘’Ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta bwoshiraho itegeko riteguye neza, rifasha gushira mu ngiro ingingo , rimenyesha kandi ibisabwa kugira umumenyeshamakuru aronswe iyo mfashanyo.’’

Umukuru w’urwego CNC amenyesha kandi ko ubushikiranganji bwokwerekana neza ibikoresho bikoreshwa mu mwuga wo kumenyesha amakuru bikurwako amakori, hagatangwa n’umuco ku bisabwa kugira ikinyamakuru kironswe iyo mfashanyo.

Umukuru w’urwego CNC asaba abamenyeshamakuru kwisunga amategeko mu mwuga wabo, biciye mu kurondera ibisabwa no kwiyandikisha mu rwego CNC.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.