Accueil > Amakuru > u Burundi > Umugambwe CNDD FDD wiyamirije ivyashikirijwe n’abahinga ba ONU
Umugambwe CNDD FDD wiyamirije ivyashikirijwe n’abahinga ba ONU
jeudi 22 Nyakanga 2016, par
Umugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi mu gihugu c’Uburundi umenyesha ko ivyagirijwe uwo mugambwe, inzego z’umutekano hamwe n’urwaruka rw’Imbonerakure za CNDD FDD mu cegeranyo casohowe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ari ivyashikirijwe n’abantu bo mu migambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi bafise uruhara mu mabi yakozwe mu Burundi.
Mw’itangazo ryasohowe na CNDD FDD, bavuga ko ivyashikirijwe n’abahinga ba ONU bitatohojwe, ahubwo bakavuga bikaba bigamije gusambura igihugu.
- Evariste NDAYISHIMIYE, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD
Iryo tangazo rya CNDD FDD ribandanya rivuga ko ivyagirizwa urwaruka rw’Imbonerakure ko ruhohotera abatavuga rumwe n’ubutegetsi ari irementanya rikomeye, ko urwo rwaruko rugengwa n’amategeko amwe, nk’ayagenga urundi rwaruka rwo mu yindi migambwe. Muri CNDD FDD bagashikiriza ko uwukoze icaha abihanirwa ku gatwe kiwe.
Icegeranyo c’abahinga b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ku matohoza ajanye n’ihohoterwa rya kiremwa muntu mu Burundi kuva mu kwezi kwa Ndamukiza umwaka w’2015 kivuga ko amabi yakozwe yerekana ko ihonyabwoko rishobora kuba mu Burundi.
Ico cegeranyo kivuga ko Uburundi bushobora n’ugukurwa mu nama y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ijejwe agateka ka zina muntu, abo bahinga bakoze ico cegeranyo bagasaba ko ubutungane mpuzamakungu bwofata mu minwe ico kibazo c’Uburundi, abagirizwa amabi yakozwe bashengezwe.
Abo bahinga ba ONU bavuga ko amabi yakozwe mu Burundi muri ico kiringo yagirizwa cane cane Reta y’Uburundi, kuko yakozwe n’abakozi bayo, Reta ikagirizwa kandi ko ataco yakoze kugira ihane ivyo vyaha. Nk’uko bishikirizwa n’abo bahinga, bisunze kahise k’Uburundi, ihonyabwoko rirashobora kuba.
Icegeranyo c’abahinga ba ONU kivuga amabi yakozwe mu Burundi kuva kw’igenekerezo rya 15 Ndamukiza 2015, gushika kw’igenekerezo rya 30 Myandagaro 2016. Abo bahinga bamenyesha ko muri ico kiringo bamenye ko abantu bagera ku 564 aribo bishwe, bagasaba ko ubutungane mpuzamakungu bwokurikirana abagirizwa ubwo bwicanyi. Amakungu nayo, harimwo n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, yasabwe ko yofata mu minwe ico kibazo c’Uburundi, kuko gishobora gutandukira n’umutekano w’akarere ico gihugu giherereyemwo.
IGIHE
Messages
22 Nyakanga 2016, 23:31, par kamaro
eregabarya sabahinga barya nabatavugarumwe nareta yuburundi kuko ivyubavuze ntahobitaniye nivyo CENARED ivuga. biryabashikirije vyateguwe kera batarashika nomuburundi...
23 Nyakanga 2016, 05:20, par NAHIMANA
imana niyibona uburund na barund
23 Nyakanga 2016, 06:31, par kajandi
rekajamuhendabarundi mwibazakoturibijuju murica murafatakunguvuryakariva muribisuma eddy najean barihe nabandisinzi uwuniwamugambi wifu yimijira onu nitabare biracika
23 Nyakanga 2016, 08:53, par Merthus sabiyera
Abobahinga Ba Onu Bakorerakubihuha Imanizobagaragaza Icobashakantacobazoshikako Amaso Azoheramukirere Ahubwo Abobahinga Nibahanure Abataye Igihugubatahe Uburundi Burabakeneye
23 Nyakanga 2016, 10:24, par Ininahazwe Flanck
Amabi Yo Nubu Aguma Akorwa Nimbonerakure Kuko Nubu Muri Kayanza Commune Butaganzwa Baguma Batoteza Abenegihugu,rero Biteb Bitebuke Uburundi Buzofata Ijambo ,imbonerakure Sinzi Aho Zizonyikira.
23 Nyakanga 2016, 11:39, par emma
emma
jewe onu irantangaza kuberiki abahinga bayo bahuzagirika ngo muburundi himirije amahonya bwoko? mbe ayo mahonyabwoko azokorwa nabande ko abahutu nabatutsi nabatwa turongorana? ahubwo abo bahinga ba ONU nimba atamategeko bize yo gutohoza nibatahe mungo iwabo ntakazi bashoboye, kandi nibakazibe badukure ivyamoko mumitima yacu, kuko abarundi twese dusangira akabisi nagahiye kiretse abasuma biba bagasiga bishe. nibobabo bahanwa mugaca mutangura kuyaroka atanamatohoza mwakoze mugahitamwo gukwirikirana ibinyoma vyabampema yuzuye vyaba oposan , turabizi abo ntaneza yuburundi bwacu bashaka, oya abo icobironderera namaronko. kurivyo rero ibinyoma vyabo nibiteshwe bite muburundi umuhutu numututsi dusangiye akabisi nagahiye kiretse inzara nabambuzi biba bagasigabishe.
23 Nyakanga 2016, 18:59, par willynshimirimana
ahubwo nibijuju kuko ntakindi bamaze abo bazungu bobo bishakira uburundi bwacu muga ntituzobaha batatumaze kandi uwiteka aratubona ijana kwijana kuko kubwabo gushika kuwumunota baribazi yuko ivyo bashaka biba vyarabaye hamwe nawampwehwa kagame abo ntajambo bagifise muburundi ntantwaro yabazungu dushaka twebwe kuko niwabo birirwa baricana .
24 Nyakanga 2016, 08:51, par Folmand
Mbe sha wumvango n’abahinga ba ONU, bo ntibishwe nikinyoma nk’abategetsi b’igihugu kivandimwe c,Urwanda
24 Nyakanga 2016, 12:56, par Musaga
CNDD ntakindi ishoboye ni ukwirirwa basohora amatangazo erega abazungu barabamenye ko muri ba ntakigenda@ Folmand yaco uvuga u Rwanda rwaradusize muri vyose,ujinga ni mzigo kweli
24 Nyakanga 2016, 22:40, par meshake
meshake uwomugambwe waretse gusambura igihugu
26 Nyakanga 2016, 05:07, par Kanyosha
Nta jonucide ngaha muburundi i yiteze kuv’aho, ariko Kagame utwo azokomeza kurungika tukambuka umupaka tuzokorerwa nkakwakundi kwomuri Cibitoke, Kayanza nigihe yorungika utuza kwisuka kunkambi zigisirikare cu Burundi ntitwobabesha ni yfe murazobaza ahohose nababwiye twivuniye umwasi twabikoze turi murunani rwigisoda cabarundi kigizwe na Hutu, Tutsi, na Twa.
26 Nyakanga 2016, 11:15, par Fnl
@Kanyosha! aba DD muri injiji kweli bandika Génocide apana Jonucide, nk’umuntu nkawe utazi kwandika muri 2016,urumva wotanga ikihe ciyumviro ?ujinga ni mzigo kweli
4 Gitugutu 2016, 06:05, par mzoyihera intagoheka
Nibaryarutse ayomatohoza aho bavugiye nikera, mubafatwa bazohere kuri Nkurunziza petero, hamwe naboyirirwa arakoresha umugambi ugayitse.Ayomatangazo mwiyamiriza mwa ba DD, nugutumutwe, mbegibikorwa bigayitse izombonerakure zirirwa zirakorera abenigihugu, mbe ntibikorwa kumurango? rindira igihe kizoshika mwese mukubitwe intahe mumutwe.