CNIDH : Abarenga 200 barajanywe mu bihugu vy’abarabu

Yanditswe na BUKURU Pacifique
Kuya 9 février 2018 saa 02:41
Yasomwe : 10323
0 0

Umurwi w’igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu umenyesha ko abantu barenga 200 aribo bamenyekanye ko batwawe mu bihugu vy’abarabu, gushika mu mpera z’umwaka uheze wa 2017.Ivyo vyashikirijwe mu kiganiro ku bamenyeshamakuru mu gihe umugwi CNIDH wai uramutse ushira ahabona uko agateka ka zina muntu kifashe muri rusangi gushika kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 9 Ruhuhuma 2018.

Kuri ico gitigiri c’abatwagwa mu bihugu vy’abarabu, Jean Baptiste BARIBONEKEZA arongoye CNIDH yamenyesheje ko, ico gitigiri gishobora kuba kirenga cane ku mvo z’uko hari benshi bagendayo ntibimenyekane.

Avuga ati : « Hari abashikayo bagahura n’ingorane nyinshi, bakakwa impapuro z’inzira zabo, bakugaranwa mu mazu gutyo ntivyorohe nuko tumenya ko bariyo nuko babayeho. »

Jean Baptiste BARIBONEKEZA avuga ko igikorwa co kurwanya abatwarwa mu bihugu vyo hanze kigiye kwicarirwa mu bisata bitandukanye, ndetse no mu migenderanire n’ibindi bihugu.

Ku bijanye n’impunzi ziva mu gihugu kibanyi ca Kongo, uwurongoye CNIDH avuga ko umurwi arongoye urajwe ishinga n’ico kibazo, agasaba abarundi kubaba hafi nk’uko vyamye mu migenzo y’abarundi.

JPEG - 115.5 ko
Jean Baptiste BARIBONEKEZA, umukuru w’umurwi CNIDH

Jean Baptiste BARIBONEKEZA yamenyesheje ko muri rusangi umurwi CNIDH arongoye ushimishwa n’uko agateka ka zina muntu kifashe mu gihugu, bagashima uko igikorwa co gukwiragiza abigisha mu gihugu cagenze, bakongera bagashimishwa n’uko ibikorwa vyo gusigura ihinyanyurwa ry’ ibwirizwa nshingiro hamwe n’igikorwa co guhimiriza abanyagihugu kuzoshikiriza aho bahagaze kw’ibwirizwa nshingiro rizotogwa mu kwezi kwa Rusama biriko birakorwa.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha