Accueil > Amakuru > u Burundi > CPI yatanguje amatohoza mu Burundi
CPI yatanguje amatohoza mu Burundi
jeudi 9 Munyonyo 2017, par
Abacamanza batatu ba Sentare mpanavyaha mpuzamakungu (CPI) bafashe kuri uwu wa kane ingingo y’ukwugururura amatohoza nyenizina ku vyaha vyakozwe mu Burundi kuva kw’igenekerezo rya 26 Ndamukiza 2015, canke vyakozwe inyuma y’igenekerezo rya 27 Gitugutu 2017 Uburundi bumaze kuva muri iyo Sentare.
Iyo ngingo yafashwe n’abacamanza Chang-ho Chung ariwe yari umukuru w’intahe, Antoine Kesia-Mbe Mindua hamwe na Raul C. Pangalangan, yemerera umushikirizamanza wa CPI, Fatou Bensouda, gutanguza amatohoza nyenizina ku vyaha vyakozwe bihanwa na Sentare mpanavyaha mpuzamakungu, vyakozwe mu Burundi canke ivyaha vyakozwe n’Abarundi bari hanze y’Uburundi kuva kw’igenekerezo rya 26 Ndamukiza 2015 hamwe n’ugushika kw’igenekerezo rya 26 Gitugutu 2017.
Abacamanza ba CPI bafashe iyo ngingo bemeza ko Sentare mpanavyaha mpuzamakungu ifise ububasha bw’ugukurikirana ivyaha vyakozwe Uburundi bukiri muri iyo Sentare, ni ukuvuga gushika kw’igenekerezo rya 26 Gitugutu 2017.
- Icicaro ca Sentare mpanavyaha mpuzamakungu i La Haye mu gihugu c’Ubuhorande
Abacamanza bafashe iyo ngingo basaba ko abategetsi b’Uburundi bokwemera gukorana n’iyo Sentare.
Chang-ho Chung, umukuru w’intahe, yamenyesheje ko ivyemeza iyo Sentare yahawe n’abakorewe ivyaha mu Burundi bikwiye kugira amatohoza atanguzwe ku vyaha vyakozwe n’abari mu Burundi, canke ivyakorewe hanze y’Uburundi ariko bigakorwa n’abarundi nyene. Ivyo navyo bikaba bigizwe n’ukwica hamwe n’ukugerageza kwica, ugusinzikariza igufa, ugufata ku nguvu, ukunyuruza.
Sentare mpanavyaha mpuzamakungu CPI ivuga ko n’imiburiburi abantu 1200 aribo bishwe, abantu hafi ibihumbi cumi boba bapfunzwe hadakurikijwe amategeko, abantu hafi igihumbi baburiwe irengero. Iyo Sentare ivuga kandi abantu bagera ku 413 490 bahunze Uburundi kuva mu kwezi kwa Ndamukiza 2015 gushika mu kwezi kwa Rusama 2017.
Ubwo bugizi bwa nabi bukaba bwagirizwa imirwi ikukira Reta y’Uburundi, aho Sentare mpanavyaha mpuzamakungu ikavuga bamwe mu baporisi, abasirikare, abakozi b’igendereza, hamwe n’urwaruka rw’imbonerakure za CNDD FDD.
Armel NIYONGERE, umwe mu baharanira agateka ka zina muntu mu Burundi, akaba n’umwe mu bashingwamanza bafasha kuburanira ababuze ababo mu ntureka Uburundi buhitiyemwo, amenyesha ko iyo ari intsinzi ikomeye ku miryango yakozweko n’ubugizi bwa nabi mu Burundi.

Ku ruhande rwa Reta y’Uburundi, Willy NYAMITWE, umuhanuzi mukuru w’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA ajejwe kumenyesha amakuru, yanditse ku rubuga rwiwe rwa Twitter ko Sentare mpanavyaha mpuzamakungu CPI irya ruswa (ibiturire), kandi yatawe mu mutego mu gufata iyo ngingo. Ambassadeur Willy NYANITWE yizera ko Uburundi buzotsinda muvyo yise ingwano (bataille), akavuga kandi ko urwo arirwo rukino rwa nyuma hagati y’Uburundi n’amakungu.

Egide NDUWIMANA
Messages
10 Munyonyo 2017, 08:22, par Hafsa
Hhaha Willy Nyamitwe naje mw’ibarabara kw’iyamiriza CPI,yarazi yuko DD ikomeye kira noneho urabibonye ko ntakigenda ahubwo mwese muraherera mu gasho,ahubwo impundu impundu kuri CPI,ni banyaragase badufatire aba ba DD n’imbonerakure batumariye abantu
10 Munyonyo 2017, 09:12, par Karikurubu
Ibi Willy Nyamitwe yavuze birerekana ko afise ubwoba bwinshi ,DD ingoma yayo nta nkeka iratembagaye,abazungu ntibafyina,Trump ntiyerekwa abicanyi nkaba DD n’imboness,bravo CPI
10 Munyonyo 2017, 10:43, par kanguka
Imana Rugira vyose ntimeze nk’abantu.
Birigwa baratikiza inganda basesa amaraso y’abataco bazira bibaza ko bizokwijana!
Irahinda igahinyuza hari naho yoba ari intango y’ukunesha k’Uwiteka.
Abirigwa barakoranya igihugu ngo ni amasengesho kandi kuba ari guhenda Imana izobakonganiriza mu muriro bidatevye.
10 Munyonyo 2017, 14:30, par Busurahende
Uwo Nyamitwe n’ama tweets yiwe yabujije Abarundi amahoro ngo ariko avugira intwaro y’ibinwamaraso. Nta musi wijana ibitega vyiwe bidahitanye abantu, akibaza ko azobikira, ngo baravuye muri CPI "ngo hihiiii mpebe ntenge." Ryabaye ibara, uwari yiyumviriye kuba aragumye mu Burundi ntagishobora gucarukana imbonerakure. Bafashwe Police go si twebwe kandi bafise umwambaro ubaranga. Umutekano nawo ngo ni 100%.
10 Munyonyo 2017, 15:06, par Ikurakure Salvator
Jewe nk’Umurundi akunda igihugu ca mwibarutse ndabona vyakomeye kandi iyo Peter atikura kuri Kagamé ntivyoshitse ngaha hose,u Rwanda ruravuga barwumva si nk’u Burundi,Kagame yari kutuvugira none raba, Indongozi za DD n’igisoda bagiye gushirirwako Mandat d’arrêt international,karabaye