Accueil > Amakuru > u Burundi > Carama : Amazu atandatu yabomowe n’imvura
Carama : Amazu atandatu yabomowe n’imvura
lundi 23 Ndamukiza 2018, par
Muri iyo mvura, imifurege itwara amazi yararengewe, uruja n’uruza rw’abantu n’imiduga rurahungabana.

Mu giporisi bamenyesha ko ata muntu aramenyekana yoba yahitanwe n’uwo mwuzurira.
Iyo mvura iguye inyuma y’iyari yaguye mu minsi iheze, ihitana abana babiri babpfuye batwawe n’amazi.

Ubushikiranganji bujejwe ibidukikije buheruka gufata ingingo y’uguhagarika vy’imfatakibanza ibikorwa vyose vy’ukwubaka muma karitiye ya Gahahe, Gatunguru hamwe na Carama. Ibikorwa bigiye kubandanya ni ivy’ukwubaka gusa ingoro y’umukuru w’igihugu hamwe n’ibikorwa vy’ugutunganya uruzi rwa Gasenyi, mu kurindira ko ivyigwa vy’ingene hokwubakwa imigende y’amazi y’imvura, mu turere tubangamiwe n’imvura bisozerwa.
Muri ubwo bushikiranganji bavuga ko ingingo yafashwe mu ntumbero y’ugukinga ko ivyabaye mu ndwi iheze bitosubira, aho imvura nyinshi yaguye, ihitana abantu n’ibintu.


Egide NDUWIMANA
Messages
24 Ndamukiza 2018, 18:28, par BIZINDAVYI Emmanuel
Twifatanije namw mumubabaro,ariko igiti ntigikora mujisho 2 kiba kigomba kurimena,rab uko mwokinga mumisi iza<<Dieu est amour,il vous connaît>>