Cibitoke : Abantu 36 bagirizwa uburozi bagabishijwe ko bazokwicwa

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 4 Munyonyo 2017 saa 12:52
Yasomwe : 12195
0 0

Amazina y’abantu 36 niyo yanditswe ku mpapuro zitagira umukono (Tracts) zatowe ku musozi Rushimabarimyi, muri komine Mugina, intara ya Cibitoke. Izo mpapuro zitagira imikono zanditseko ko abo bantu bazokwicwa kubera bagirizwa uburozi.

Abajejwe intwaro muri komine Mugina bamenyesha ko bamaze gushika ahatowe izo mpapuro, kugira bahumurize abanyagihugu, bongere babibutse ko kwihanira ari icaha gihanwa n’amategeko.

Abanyagihugu banditswe kuri izo mpapuro bavuga ko babeshewe, bagasaba ko umutekano wabo wokwubahirizwa.

Abo banyagihugu bamenyesha ko kenshi ukwagirizanya uburozi biterwa n’amatati y’amatongo, hamwe n’ukutumvikana kuba kuri hagati y’abagirizanya ubwo burozi.

Jovitte Bayavuge, Musitanteri wa Mugina aragabisha abandika izo mpapuro bagiriza abandi uburozi kandi bavuga ko bazobica. Uwo aramutswa intara ya Mugina amenyesha ko azokwagirizwa kwandika hamwe n’ugukwiragiza izo mpapuro bazohanwa hakurikijwe amategeko.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha