IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Cibitoke : Abantu batatu bakomerekejwe na Gerenade yatewe

Cibitoke : Abantu batatu bakomerekejwe na Gerenade yatewe

lundi 26 Ruhuhuma 2018, par Egide NDUWIMANA

Nk’uko bishikirizwa n’umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, iyo Gerenade yatewe nk’igihe c’isaha zitatu n’iminota mirongo itatu z’ijoro, iterwa kw’ibarabara rya 15, aho benshi kita "Kurya Kanyoni" muri iyo zone ya Cibitoke, iruhande ya "Station KOBIL.

Petero NKURIKIYE avugira igiporisi c’Uburundi yemeza ko iyo Gerenade yakomerekeje abantu batatu baciye bajanwa kuvurirwa mu Kigobe, ku bitaro vy’abaganga batagira imbibe (Médecins Sans Frontières).

JPEG - 85.9 ko
Petero NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi

Umuntu umwe yikekwa ko ariwe yateye iyo Gerenade yafashwe n’igiporisi, nk’uko bishikirizwa na Petero NKURIKIYE.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.