Accueil > Amakuru > u Burundi > Cibitoke : Abantu batatu bakomerekejwe na Gerenade yatewe
Cibitoke : Abantu batatu bakomerekejwe na Gerenade yatewe
lundi 26 Ruhuhuma 2018, par
Nk’uko bishikirizwa n’umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, iyo Gerenade yatewe nk’igihe c’isaha zitatu n’iminota mirongo itatu z’ijoro, iterwa kw’ibarabara rya 15, aho benshi kita "Kurya Kanyoni" muri iyo zone ya Cibitoke, iruhande ya "Station KOBIL.
Petero NKURIKIYE avugira igiporisi c’Uburundi yemeza ko iyo Gerenade yakomerekeje abantu batatu baciye bajanwa kuvurirwa mu Kigobe, ku bitaro vy’abaganga batagira imbibe (Médecins Sans Frontières).
- Petero NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi
Umuntu umwe yikekwa ko ariwe yateye iyo Gerenade yafashwe n’igiporisi, nk’uko bishikirizwa na Petero NKURIKIYE.
Egide NDUWIMANA