IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Cibitoke-Buganda : Imiryango y’abantu 26 baguye mu gitero iraca ku mazi ku (...)

Cibitoke-Buganda : Imiryango y’abantu 26 baguye mu gitero iraca ku mazi ku bayo

mardi 29 mai 2018

Muri urwo rubanza rwo guca ku mazi, abategetsi batandukanye b’Uburundi niho baza kuba bari, nk’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Joseph BUTORE, asanzwe ari imvukira y’iyo ntara,hamwe na Pascal NYABENDA, umukuru w’Inama Nshingamateka.

Ico gitero cabaye mw’ijoro ryo kuwa 11 Rusama 2018, cahitanye abantu 26 bitavye Imana, abandi indwi barakomereka, bamwe barashwe, abandi baturirirwa mu mazu.

Mw’itangazo umushikirizamanza kizigenza wa Republika, Sylvestre Nyandwi,yashize ahabona kuwa mbere igenekerezo rya 14 Rusama 2018, yamenyesheje ko hashizweho umurwi ukora amatohoza kuri ubwo bwicanyi, ukaba wahawe ukwezi kwo gukora.

Ku ruhande rwa Reta, bamenyesheje ko ico gitero cakozwe n’umurwi w’iterabwoba winjiye mu Burundi uvuye mu gihugu ca Republika Iharanira Intwaro Rusangi, ari naho basubiye bahejeje kwica abo bantu.

Kuwa kabiri igenekerezo rya 15 Rusama 2018, niho abo bantu 26 bishwe bashinguranwa iteka, abategetsi batandukanye harimwo umushikiranganji w’intwaro yo hagati mugihugu, abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi, bakaba baritavye ivyo birori.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.