Accueil > Amakuru > u Burundi > Cibitoke : Ibikorwa vy’abunguruza abantu mu miduga vyahagaze
Cibitoke : Ibikorwa vy’abunguruza abantu mu miduga vyahagaze
mardi 9 Rusama 2017, par
Abaserukira abo bunguruza abantu muri iyo ntara bavuga ko bafashe ingingo y’ukuduza igiciro c’ukwiyunguruza, kuko baronka igitoro bigoranye, bakakigura amafaranga arenze, kubera ubukene bwaco bumaze iminsi bwibonekeza.
Abasanzwe bakurikirana ivy’uruja n’uruza ntibumva kumwe ico kibazo, kuko uwari yadugije ico giciro c’ukwiyunguruza yahanwe, mu gutungishwa ihadabu ry’amafaranga ibihumbi ijana.
Ibikorwa vyahagaze kuva kuri uwu wa mbere, abo bunguruza abantu bakavuga ko badashobora kubandanya bakora batadugije ibiciro, kuko bohomba, bitewe n’uko igitoro bakironka kizimvye.
Ubukene bw’igitoro bubandanya kwibonekeza mu mihingo itandukanye y’igihugu c’Uburundi. Abarondera igitoro aho kidandarizwa ntibakironka, aho kibonetse naho kikaba kiriko kidandazwa kuri magendu, ku bihumbi bitanu kw’iritiro imwe.
NDUWIMANA
Messages
9 Rusama 2017, 18:16, par Mediator
Igitoro kigiye kuboneka ingingo zarafashwe!!!! N,igisoda cari carigize surivu caracanzwe igitoro co nigito Leta yagihagurukiye!!!!