IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Cibitoke : Imivyaro 1000 y’ibiti yafashwe n’igiporisi

Cibitoke : Imivyaro 1000 y’ibiti yafashwe n’igiporisi

samedi 2 Kigarama 2017, par Egide NDUWIMANA

Iyo mivyaro yafatiwe muri komine Rugombo, aho bita ku Ruhwa, ku rubibe Uburundi buhana n’Urwanda.

Mu giporisi bamenyesha ko iyo mivyaro yafashwe kuko yari igiye kudandazwa hadakurikijwe amategeko.

Umuduga wari uyunguruje wafashwe, mu buyobozi bujejwe uburimyi mu ntara ya Cibitoke bakamenyesha ko iyo mivyaro izoca ihabwa abanyangihugu.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Igihugu c’Uburundi nta gaciro kigifise kubera ubutegetsi bubi buhari. Ikawa igurishwa hanze y’igihugu. Ubutare bw’i Burundi bugurishwa mu bihugu duhanye imbibe. Inzoga za BRARUDI, isukari yo muri SOSUMO...vyose bavyirukana hanze y’imbibe z’ igihugu nk’uko umengo Abarundi barabihimvye kandi birirwa bicwa n’inzara. Ubu hageze n’aho abantu babajana kubagurisha hanze. Haraho nibaza aho ubwo butegetsi bushaka gushikana igihugu, ko n’imivyaro y’ibiti isigaye ijanwa muri Kongo kandi vyoteje imbere Abarundi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.