Col. Gaspard BARATUZA yahora avugira igisikare yagenywe kurongora ishure kaminuza ry’intwaramiheto

Yanditswe na Callixte Carpe NDIKUMANA
Kuya 22 mars 2018 saa 01:38
Yasomwe :
0 0

Umukuru w’igihugu c’Uburundi,Petero NKURUNZIZA, yaragenye kuwa kabiri igenekerezo rya 20 Ntwarante 2018, bashasha mu mabanga yo kurongora ibisata bitandukanye bikukira ubushikiranganji bwo kwivuna abansi.

Mw’itegeko ry’umukuru w’igihugu inomero 100/031 ryo kw’igenekerezo rya 20 Ntwarante 2018, uwahora ari uwahora ari umuvugizi w’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi, Col. Gaspard BARATUZA, yagenywe kurongora ishure kaminuza ry’intwazangabo mu Burundi ESCAM.

Muri iryo tegeko,umukuru w’igihugu yagenye kandi, Col. Richard BANYANKIBONA gutwara umurwi wa 1 w’abasirikare barwanira hasi, Ildephonse KABURUNDI, yagenywe gutwara umurwi wa 2 w’abasirikare barwanira hasi, Col. Elie NDIZIGIYE, yagenywe gutwara umurwi wa 3 w’abasirikare barwanira hasi, Co. Leonidas NIYUNGEKO, yagenywe gutwara umurwi wa 4 w’abasirikare barwanira hasi.

Abandi bagenywe n’iryo tegeko ry’umukuru w’igihugu, ni Col. Cassien NTACEBERA, yagenywe kuba umuyobozi w’ishure rikuru ryigisha abarongora abandi mu gisirikare, Col. Gerard NININAHAZWE, yagenywe kuba umugenduzi mukuru, mu bugenduzi bukuru bw’ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi, Col. Jules NDIHOKUBWAYO, yagenywe kurongora ibijanye n’imibano,n’uburyo muri rwego rwa gisirikare.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha