IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Colonel Gaspard BARATUZA arasigura igihe abasirikare bumvirizwa na sentare (...)

Colonel Gaspard BARATUZA arasigura igihe abasirikare bumvirizwa na sentare zisanzwe

vendredi 30 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Mu gihe hari umusirikare w’Uburundi aheruka gupfira mw’igendereza ry’Uburundi, yariko yumvirizwa na sentare atari iya gisirikare, umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi arasigura igihe bishika umusirikare w’igihugu akiri mu kazi, akumvirizwa na sentare zisanzwe zikurikirana imanza z’abanyagihugu batari abasirikare.

Colonel Gaspard BARATUZA avugira igisirikare c’Uburundi amenyesha ko sentare za gisirikare ata bubasha zifise bw’ugukurikirana umunyagihugu atari umusirikare. Muri ico gihe, umusirikare akoze ikosa canke akaja mu bikorwa vya poritike hamwe n’abandi batari abasirikare, sentare za gisirikare ntiziba zishobora kwumviriza mu rubanza rumwe abasirikare hamwe n’abanyagihugu basanzwe badashobora gukurukiranwa n’urwo rwego rwa gisirikare, nk’uko vyashikirijwe na Colonel BARATUZA.

Mu kiganiro c’abavugizi bose bavugira inzego za Reta cabereye mu ntara ya Cibitoke, Colonel Gaspard BARATUZA yagarutse ku kibazo ca Adjudant Eddy Claude NYONGERA aheruka kwitaba Imana ari mw’igendereza. Colonel BARATUZA yasiguye ko uwo musirikare yari yafashwe hisunzwe amategeko, akaba yari yahagaritswe ku mutahe w’umushikirizamanza mu gisagara ca Bujumbura.

"Yari mu murwi w’abandi basirikare, n’abaporisi hamwe n’abanyagihugu (Civils) basanzwe, bagirizwa gutunganya guhungabanya inzego z’igihugu. Muri uwo mwanya murumva ko yaciye yumvirizwa yongera abazwa n’inyamiramabi ikorera mw’igendereza kubera mw’igendereza niho bakurikirana ibijanye n’uguhungabanya inzego z’igihugu."

Abasirikare hamwe n’abaporisi bagera kuri 18 bagirizwa icaha kimwe n’umuhisi Adjudant Eddy Claude NYONGERA bapfungiwe mu gasho k’i Ngozi. Kuri uwu wa kane barumvirijwe, ku munsi wa mbere akaba ariho abo basirikare n’abaporisi bazomenyeshwa namba bobandanya kuburana bapfunzwe canke bidegemvya.


IGIHE

Messages

  • ivyo nti vyumvikana nagato! none kotwumva ngo hariho iperereza mugi sirikare umu sirikare abarizwa mwi perereza ryi gi police bigenze gute canke? canke umusirikare abura nira muri sentare hamwe naba nyagi hugu gute kandi hariho sentare ya gi sirikare?!!! iyo sentare niryo perereza vyaba bimaze aki ? mbega uwo ngo avugira igisirika kuba arusokoroye ubu nimisi ihaciye yarihe ? ntahandi ataruko baba bariko bara panga ivyo batubesha ariko ivyo mubesha bigiye kubaherana .buriya muretse ubu bwicanyi mwoba mubayi iki ko twese turi musi yijuru !!! ni mwiyumvire.buriya mwoba muzi umuntu icarico???? muratubabaje

  • urakoze nyakwubahwa kuduha umuco. igihe.bi/ nimudutohoreze amakuru yurubanza sentare yafrika iheruka guca kubijanye nivyobita manda ya3

  • Nibareke kwimaramaza turaciyubweng ntituri ibijuj nibo bamwish muga amaraso ntamera ark arahuma bazoterezwa kwishir kumabi yose bakoz tot ou tard

  • Igihe.bi, kwimisibiri iheze mutarashirako amakuru yurubanza rwaciwe na sentare ya EAC kubijanye namatora yabaye Burundi nokwitoza kwa Nkurunziza Petero?
    Aryamakuru mwasanze arimabi?

  • Ivyo nyakwubahwa Gaspal Batatuza avuze urikijuju niho utobitahura, kuko yarumusirikare yifatikanya mugucura ibibi na civilians.

  • uwu kamaro ara babajwe nuko atumwise uko sentare yaciye urubanza ?niwiterere waratsinze . ariko kuriya sugutsinda ivyo muri africa tura bimenyereye nimwitegure kuburana na ONU nayo

  • Nahore uwomwangushi ngo nibaratuza, ivyavuga nibiki ? turabizi kwatakuri kuzigera kubamuribo, ntakuri kuzigera kuvurwa numwicanyi. mwibaza yuko abicwa kwaba atabizi ? ababizi nico gituma atokwigera yi mena igihute. umusirikare canke uwahoze mugisirikare, ntabwo ashobora kwicwa nke anyuruzwe baratuza atabizi ningobwa, amanama yo kumara bageziwe mugisirikare ababizi neza cane, ninacogituma uwubaye rurangiranwa kwica nokunyuruza bamushimira vyihutirwa. nibahore ivyabo twarabihaze ntakamaro bigifise.

  • urakozenyakubahwa gutang umuco. zamurasiguririzontumvakugirangozimeny amategeko.

  • NONE BARAKOZE ICAHA BAHANE NEZA CANE KUKO BARAHEMUTSE CANE GOSE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.