IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Inkino > course > Cyclisme : Abatahukanye ibibanza vya mbere mw’ihiganwa ryo gusiganwa ku (...)

Cyclisme : Abatahukanye ibibanza vya mbere mw’ihiganwa ryo gusiganwa ku makinga bamenyekanye

Tuesday 3 July 2018, by vianney

Amadi Uwimana, w’umurwi Akaranga,niwe aza mu kibanza ca kabiri akaba yakoresheje amasaha 3 iminota 36 hamwe n’imisegonda 41 mu gihe uwitwa Ciza, w’umurwi Buffalo yatahukanye ikibanza ca gatatu mu kwiruka ivyo birometero mu masaha 3 iminota 45 hamwe n’imisegonda 54.

Mu bagabo batarakwiza imyaka 18 , Thierry Irakoze, w’umurwi Akaranga niwe aza ubwa mbere yakoresheje amasaha 2 iminota 4 hamwe n’imisegonda 00’’ mu kwiruka ibirometero 66, Egide Ndayisaba w’umurwi Buffalo yakoresheje amasaha 2 iminota 4 hamwe n’imisegonde 3 mu kwiruka ivyo birometero mu gihe Jacques Nzeyimana w’umurwi Mirage aza ubwa gatatu mu kwiruka ibirometero 66 mu masaha 2 iminota 5 hamwe n’imisegonda 5.

K’ uruhande rw’abigeme ,Adelphine Nimfasha w’umurwi « Akaranga » niwe mwigeme yatahukanye ikibanza ca mbere mw’ihiganwa ryo gusigana ku makinga ku rwego rw’igihugu ry’uyu mwaka wa 2018 , akaba yakoresheje amasaha 2 ,iminota 36 hamwe n’imisegonda 51 mu kwiruka akoresheje ikinga ibirometero 66.

Uwaje mu kibanza ca kabiri n’umwigeme Yvonne Irankunda, w’umurwi wa Nyanza Lac yakoresheje amasaha 2 iminota 36 hamwe n’imisegonda 52 naho ikibanza ca gatatu gitahukana Goreth Niyonkuru w’umurwi wa Nyanza lac yirutse ibirometero 66 mu masaha 2 iminota 43 hamwe n’imisegnda 14.


Vianney BIKORIMANA

Forum posts

  • Ngerageje Kuraba Nivyiza Cane Kuba Nigitsina Gore Naco Ubugiserukirwa Muvyinkino Nagomba Mbaze Uwo Mwigeme Adelphine Yabaye Uwambere Intara Avamwo Kugira Tumusabe Ubugenz Kuko Numva Ndamukunz Cane

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.