Accueil > Inkino > course > Ishirahamwe ryo kunonora imitsi mu Burundi ryaronse abarongozi (...)
Ishirahamwe ryo kunonora imitsi mu Burundi ryaronse abarongozi bashasha
lundi 12 Ruheshi 2017
Mw’ijambo yashikirije ahejeje gutorwa n’abitavye bose,KWIZERA Dieudonne yavuze ko mu myaka ine agiye kurongora ishirahamwe ryo kunonora imitsi,azokwitaho abanonotsi kuko nawe yabikoze kandi azi ivyo bakenera.
KWIZERA Dieudonne yamenyesheje kandi ko azokora ibishoboka vyose kugira azane abamenyereza bafasha abanonotsi b’abarundi, kugira mu mahiganwa yimirije Uburundi buzoserukirwe na benshi kandi bazozana imidali.
KWIZERA Dieudonne yari amaze imyaka ibiri arongoye ivy’infatakibanza ishirahamwe ryo kunonora imitsi mu Burundi.
MUGISHA Van Naris