IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > course > ’’Iyo ntsinze ni abarundi bose baba batsinze’’ - Francine NIYONSABA

’’Iyo ntsinze ni abarundi bose baba batsinze’’ - Francine NIYONSABA

mardi 6 mars 2018

Umunonotsi Francine NIYONSABA yabwiye abamenyeshamakuru bari bagiye kumutegera ku kibuga c’indege, ko iyo atsinze ihiganwa ryo kwiruka, aba ari abarundi bose n’igihugu cose gitsinze.

Francine NIYONSABA amenyesha ko ivyo akora n’ingene yigenza mu mahiganwa, bishobora kubera akarorero keza abandi banonotsi.

JPEG - 48 ko
Francine NIYONSABA yakiriwe ku kibuga c’indege ca Bujumbura

Umunonotsi Francine NIYONSABA yaronse umudari w’inzahabu, abaye uwa mbere mu kwiruka imetero 800, mu munota umwe, amasegonda 58 n’ivy’ijana 31, mw’ihiganwa ryabereye mu gisagara ca Birmingham, mu gihugu c’Ubwongereza.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.