Accueil > Inkino > course > Umunonotsi Usain Bolt agiye guhagarika ivyo kwiruka
Umunonotsi Usain Bolt agiye guhagarika ivyo kwiruka
mardi 13 Ruheshi 2017
Ahereye mu gihugu avukamwo ca Jamaica, Usain Bolt w’imyaka 30 y’amavuka yirutse imetero ijana imbere y’abakunzi biwe ku munsi w’Imana igenekerezo rya 11 Ruheshi 2017 mw’ihiganwa rya nyuma yagiriye mu gihugu avukamwo, ku murwa mukuru Kingston.
Inyuma yo kwiruka, yabwiye abamenyeshamakuru ko abantu benshi yabonye ku kibuga ataribo yari yiteze, kandi ko vyerekana ko ivyo yakoze mu mwuga wo kunonora imitsi abanyajamaica babiha agaciro.
Umushikiranganji wa mbere wa Jamaica Andrew Holness, ari kumwe n’umukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ryo kunonora imitsi Sebastian Coe, nabo bari bitavye ivyo birori.
Naho Usain Bolt atigeze avuga igitumye ategura guhagarika ivyo kwiruka, Sebastian Coe yabwiye ikinyamakuru l’equipe ko Usain Bolt ashobora kuba yabonye ko ariwo mwanya mwiza wo guhagarika kugira azogume yibukwa mu gihugu ca Jamaica.
Usain Bolt afise imidari y’inzahabu umunani yaronkeye mu mahiganwa mpuzamakungu yo kunonora imitsi.
MUGISHA Van Naris