Usain Bolt yasizwe n’umunyamerika n’abanayamerika babiri Justin Gatlin yirutse izo metero ijana mu masegonda icenda n’ivyijana 92 (9’92) hamwe na Christian Coleman yirutse imetero ijana mu masegonda 9 n’ivy’ijana 94 (9’94).
Umunonotsi Usain Bolt ubu afise imidari 11 y’inzahabu mu mahiganwa mpuzamakungu n’imidari 8 y’inzahabu mu mahiganwa asanzwe, yabaye uwa gatatu,ibintu bitaheruka kuboneka kuri we.
Aya niyo mahiganwa ya nyuma umunonotsi Usain Bolt agize kuko agiye guhagarika ivyo kwiruka.

Imbere yuko ahagarika ku mugaragaro, bitegekanijwe ko azokwiruka kandi imetero 100 zirukwa n’abantu bane bahanahana inkoni.
Kuva mu mwaka wa 2008, umunnotsi Usain Bolt ntiyari bwatsindwe mu mahiganwa akomakomeye.