Désiré UWAMAHORO yasubijwe mu giporisi

Yanditswe na MUGISHA Van
Kuya 23 Rusama 2017 saa 08:49
Yasomwe : 44064
0 0

OPC2 Désiré UWAMAHORO yahoze arongoye igiporisi kidasanzwe kijejwe kurwanya imigumuko yasubijwe mu mu giporisi inyuma y’igihe kitari gito yari amaze ahagaritswe mu kazi.

Nk’uko biri mw’itegeko ry’umushikiranganji w’umutekano Commissaire de Police Chef Alain Guillaume BUNYONI, ryateweko umukono kw’igenekerezo rya 19 Rusama 2017, ingingo yahagarika OPC2 Désiré UWAMAHORO yakuweho.

Iyo ntwazangabo mu giporisi c’Uburundi yari yahagaritswe yagirizwa gushaka kwiba amafaranga umurwizatunga ava mu gihugu ca Siriya, mu nyuma ajanwa gupfungirwa mw’ibohero rikuru ryo mu ntara ya Bubanza.

JPEG - 47.9 ko
OPC2 Désiré UWAMAHORO yahoze arongoye igiporisi kidasanzwe kijejwe kurwanya imigumuko

OPC2 Désiré UWAMAHORO bamuciriye gupfungwa amezi atatu n’ihadabu ry’amafaranga umuriyoni umwe w’amarundi, ariko ubutungane busanga yaramaze gupfungwa ayo mezi.

Mu gihe nyene yari agipfunzwe, haciye hasohoka itegeko rimukura ku burongozi bw’igiporisi kidasanzwe kijejwe kurwanya imigumuko.


Kumenyekanisha

1
Nzoyisaba Ladislas 23-05-2017 à 18:57

Turashimy Iyonging Kuk Abanya Bubanza Twari Duhomvy Umugab Wijunja Nijambo

2
Kwizera 23-05-2017 à 17:25

Yemweyemwe Turahonye Dezire Wamahoro Namabiyadukoreye Arasubiriye Mugiporisi Turashize Muragaba

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha